Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




2 Petero 1:3 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

3 Kuk’ ubushobozi bg’ubumana bgayo bgaduhaye ivy’ ubugingo no kwubaha Imana vyose, tubiheshwa no kumenya neza uwaduhamagarishije ubgiza bgiwe n’ingeso ziwe nziza.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

3 Ubushobozi bw’ubumana bwiwe bwaduhaye ivyankenerwa vyose kugira ngo tubeho twubaha Imana biciye mu kumenya uwaduhamagaje ubwiza bwiwe n’ukugira neza kwiwe.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




2 Petero 1:3
39 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Abantu bawe bitanga babikunze ku musi ugomora ingabo zawe; Abasore bawe baza ah’ uri nk’ikime, Bashazishije ukwera, bavuye mu nda y’agatondotondo.


Kuk’ Uhoraho Imana ar’ izuba, ar’ inkinzo; Uhoraho azotanga ubuntu n’ icubahiro: Ntazogira iciza na kimwe yima abagenda batunganye.


Umugore atunganye abera umugabo wiwe igitsibo mu mutwe, Arik’ uw’ agatētereza amubera nk’ikimungu mu magufa.


Umugore aroranye ni nde yomuronka? Kukw ar’ uw’ igiciro kurusha utubuyenge twitwa marijani.


Ati Har’ abagore benshi bakora ivyiza, Ariko weho ubarusha bose.


Yesu arabēgēra, arababgira, ati Jewe nahawe ububasha bgose mw ijuru no mw isi.


Ītimanye Umwana wayo, ikamutanga kubgacu twese, izobura ite kutugabirira vyose kuri we?


kuri twebge, abo yahamagaye, si mu Bayuda bonyene ariko no mu banyamahanga?


Imana n’iyo kwizerwa, yabahamagariye kugirirana ubumwe n’Umwana wayo Yesu Kristo Umwami wacu.


Arambarira, at’ Ubuntu bganje buraguhāgije; kuk’ ubushobozi bganje buhīngūrirwa mu ntege nke. Nuko cane‐cane nzonezererwa kwirata intege nke zanje, ng’ubushobozi bga Kristo bunzeko.


Ni co gitumye mbinginga, jewe imbohe y’Umwami wacu, ngo mugende uko bibereye ihamagarwa mwahamagawe,


Harih’ umubiri umwe, na Mpwemu umwe, nk’uko kandi mwahamagariwe icizigiro kimwe c’ihamagarwa ryanyu.


Eka mbere n’ibintu vyose ndavyiyumvira kw ar’ ubuhombe, kubg’ ikibirengeye, ni co kumenya Kristo Yesu Umwami wanje. Kubg’ uwo nahomvye ibintu vyose, ndavyiyumvira kw ar’ ishano, kugira ngo ndonke Kristo,


Ibisigaye bene Data, ivy’ ukuri vyose, ivyo kwubahwa vyose, ibigororotse vyose, ibitānduye vyose, ivy’ igikundiro vyose, ibishimwa vyose, ni haba harih’ ingeso nziza, ni haba hariho gushimwa, abe ari vyo mwiyumvira.


kuko muri we ari ho vyose vyaremewe, ivyo mw ijuru n’ivyo mw isi, ibiboneka n’ibitaboneka, ur’ intebe z’icubahiro, ur’ ubgami, ur’ ubukuru, ur’ ububasha: vyose vyaremwe na we, biremerwa kuba ivyiwe.


kugira ngo mugende nk’uko bibereye ab’ Imana, ibahamagarira kuja mu bgami bgayo no mu bgiza bgayo.


Kukw Imana itāduhamagariye guhumana, ariko yaduhamagariye kwezwa.


Ni vyo yabahamagariye, ibahamagarishije ubutumwa bgiza twajejwe, kugira ngo muhabge ubgiza bg’Umwami wacu Yesu Kristo.


kuko kwimenyereza kw’umubiri kugira ikimazi kuri bike, ariko kwubaha Imana kugira ikimazi kuri vyose, kuko kuzana isezerano ry’ubugingo bga none n’ubuzoza.


yadukijije, ikaduhamagarisha umuhamagaro wera, udatewe n’ibikorwa vyacu, arik’ utewe n’uko yabigabiye ubgayo, kand’ utewe n’ubuntu bgayo, twaherewe muri Kristo Yesu ibihe vyose bitaraba,


Uwo, kukw ar’ ugukayangana kw’ubgiza bgayo, n’ishusho y’akameremere kayo, kand’ ashigikiza vyose ijambo ry’ubushobozi bgiwe, ahejeje gushirah’ umwuhagiro w’ivyaha, avyagira i buryo bg’icubahiro c’ubgami bgo mw ijuru:


Ariko nk’ukw Iyabahamagaye ar’ iyera, namwe abe ari ko muba abera mu ngeso zanyu zose.


mwebge abazigamwa n’ubushobozi bg’Imana kubg’ ukwizera, muzigamirwa agakiza kāteguwe kuzohishurwa mu gihe c’iherezo.


Ivyo ni vyo mwahamagariwe, kuko na Kristo yabababarijwe, akabasigarana icitegererezo, kugira ngo mugere ikirenge mu ciwe.


Ariko mweho mur’ ubgoko bgātoranijwe, mukoranije kuba abami n’abaherezi, mur’ ihanga ryera, abantu bāshiriweho kuba inyegu yiharije, kugira ngo mukwize ishimwe ry’Iyabahamagaye, ikabakūra mu mwiza, ikabashitsa mu muco wayo utangaje:


ntimugere ikibi ku kindi, cank’ igitutsi ku kindi; ariko mubigerāne n’umuhezagiro, kukw ico ari co mwahamagariwe, kugira ngo namwe muragwe umugisha.


Kand’ Imana igira ubuntu bgose, yabahamagariye ubgiza bgayo budashira muri muri Kristo, ni mwaheza kubabazwa akanya gato, izobahīngūra rwose ubgayo, izobaremesha, ibahe inkomezi.


Ni co gituma, bene Data, mukwiye kurushiriza kugira umwete wo gukomeza ihamagarwa ryanyu, bo n’ugutoranywa. Ni mwakora ivyo, ntimuzotsitara na gatoya.


Ubuntu n’amahoro bigwire muri mwebge, mubiheshwa no kumenya Imana neza na Yesu Umwami wacu.


Mbere kubg’ iyo nyanduruko nyene, ubganyu mushiruke umwete wose; ukwizera kwanyu mukwongerekw ingeso nziza; ingeso nziza muzongerek’ ubgenge;


ubgenge mubgongereko kwirinda; ukwirinda mukwongereko kwihangana; ukwihangana mukwongereko kwubaha Imana;


Kuko namba mugira ivyo, bikagwira, bituma mutaba abanyabute cank’ ingumba ku vyo kumenya neza Umwami wacu Yesu Kristo.


Namba kumenya neza Yesu Kristo Umwami wacu n’Umukiza kwarabateye kudohoka, bakava mu vy’ isi bihumanya, maze bakongera kuvyizingiramwo, bikabanesha, ivyo hanyuma vyabo birusha ivya mbere kuba bibi.


Ariko mukurire mu buntu bga Yesu Kristo Umwami wacu n’Umukiza, no mu kumumenya. Icubahiro kibe iciwe ubu no gushitsa umusi utagira iherezo. Amen.


None rero, mukobga wanje, nta co utinya; ndakugirira ivyo uvuze vyose: kukw abashingantahe bose b’i wacu bazi yuk’ ur’ umugore aroranye.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ