Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




2 Petero 1:21 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

21 kukw ata jambo ry’abāvugishwa n’Imana ryazanywe no kugomba kw’umuntu, arikw abantu bāvuga ivyava ku Mana, barōngōwe na Mpwemu Yera.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

21 Kuko ukuvugishwa kutava mu gushaka kw’umuntu, ariko abantu bavuga ibivuye ku Mana nk’uko bari barongowe na Mpwemu Yera.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




2 Petero 1:21
29 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ati Mpwemu w’Uhoraho yavugiye muri jewe, Ijambo ryiwe ryari ku rurimi rwanje.


Yerobowamu agihagaze ku gicaniro, agira yōse imibavu, haza umuntu w’Imana avuye i Buyuda, aje i Beteli, azanywe n’ ijambo ry’Uhoraho.


Nyina abarira Eliya, ati Twapfuye iki ga muntu w’Imana? Waje i wanje kwibukiriza ivyaha vyanje, no kunyicishiriza umwana?


Uwo mugore abarira Eliya, ati Noneho mmenye k’ur’ umuntu w’Imana koko, kandi kw ijambo ry’Uhoraho uvuga ar’ iry’ ukuri.


Ahamagara umugabo wiwe, aramubarira, ati Ntabaza umuhungu umwe n’indogoba imwe, nkwakwanye nikubitire kwa wa muntu w’Imana, ndagarutse.


Maz’ aragenda, abibarira wa muntu w’Imana, na we aramwishura, ati Genda ushōre ayo mavuta, wishure umwenda wawe; ayasigaye agutungane n’ abana bawe.


Bukeye nya mugore abarira umugabo wiwe, ati Mbona uyo muntu kw ar’ uwera, kandi n’umuntu w’Imana;


Nuk’ umwami w’Abisirayeli agaca atuma abo kumurābira aho hantu uwo muntu w’Imana yamubūriye; akagenda akira artyo si rimwe si kabiri.


Maz’ umusuku w’uwo muntu w’Imana, avyutse kare mu gatondo abona ingabo ziri kumwe n’amafarasi n’imikogote bajiguje ico gisagara. Uwo musuku abarira shebuja, ati Biracitse databuja! None tugira dute?


Ariko Mose umuntu w’Imana, abahungu biwe bo bāharūrwa mu muryango wa Lewi.


Atunganya imbu z’abaherezi uko zākurikirana zo gukora, nk’uko se Dawidi yasize ashinze, n’ivy’ ibikorwa vy’ Abalewi vyo guhimbaza no gufasha abaherezi, nk’ukw ibikorwa vyabo vy’imisi yose vyari biri, n’ ivy’ abashibamyi na bo, nk’ukw imbu zabo zakurikirana ku birimba vyose; kukw ari ko Dawidi, wa muntu w’Imana, yari yasize abishinze.


Ivyo bizogeza ryari kuba mu mitima ya ba kamenyi barotora ibinyoma, ni bo bavugishwa n’ubugunge bgo mu mitima yabo?


ijambo ry’ Uhoraho ryanjeko jewe umuherezi Ezekiyeli mwene Buzi, ndi mu gihugu c’Abakaludaya ku ruzi Kebari; kand’ aho hantu nyene ni ho ukuboko kw’Uhoraho kwaziye kuri jewe.


Ijambo ry’Uhoraho ryaje kuri Mika w’i Moresheti, ku ngoma ya Yotamu no ku ya Ahazi no ku ya Hezekiya, abami b’i Buyuda, amajambo y’ivyo yeretswe kuri Samariya n’i Yerusalemu.


Abamenyi bazotētērwa, n’abapfumu bamāramāre; mbere bose bazojorerwa, kukw ata co bishuwe kivuye ku Mana.


Mose aravuga, at’ Iki ni co kigira ngo kibamenyeshe yuk’ Uhoraho ari we yantumye gukora ibi bikorwa nkora vyose, kandi kw atari jewe nitumye.


Dawidi ubgiwe yavugishijwe na Mpwemu Yera, aravuga, at’ Uhoraho yabariye Umwami wanje, At’ Icara i buryo bganje, Ushitse aho nzoshirira abansi bawe musi y’ibirenge vyawe.


Nk’uko yavugiye mu kanwa k’abera yavugisha, bāhereye mbere na mbere,


ati Bagabo bene Data, ivyanditswe ntivyobuze gushika, ivyo Mpwemu Yera yari yaravugiye mu kanwa ka Dawidi kuri Yuda, yarōngōye abaja gufata Yesu,


Batemeranije ubgabo barataha, Paulo asubiye kuvuga ijambo rimwe, at’ Ivyo Mpwemu Yera yabaririye ba sogokuruza banyu mu kanwa k’uwavugishwa n’Imana Yesaya, yabivuze neza,


Arikw ivyo Imana yavugiye mu kanwa k’abāvugishwa na yo bose bitaribgabe, yuko Kristo wayo azobabazwa, ivyo yabishikije irtyo.


Iyi ni yo mihezagiro Mose umuntu w’Imana yahezagiye Abisirayeli, atarapfa:


Kandi na Mpwemu Yera ni we cabona kidushingira intahe y’ivyo. Amaze kuvuga,


Nuko, nk’uko Mpwemu Yera avuga, at’ Uyu musi aho mwumvira ijwi ryayo,


Mpwemu Yera amenyekanisha artyo yukw inzira ija ahēra cane itaribgerekanwe, ihema rya mbere rikiriho:


Maz’ Abayuda baza kuri Yosuwa i Gilugali; Kalebu mwene Yefune Umukenizi aramubarira, at’ Urazi ivyo Uhoraho yatuvuzeko twe nawe, akabibgira Mose umuntu w’Imana, tur’ i Kadeshi‐baruneya.


basesa igihe ic’ ari co n’ibimenyetso vyaco, cerekanwa na Mpwemu wa Kristo yari muri bo, yavuga yātagura ivy’ imibabaro ya Kristo bitaribgabe, n’ivy’ ubgiza bg’uburyo bginshi bgagira buze buyiherukire.


Nikubitishwa hasi imbere y’ibirenge vyiwe no kumusenga. Arambarira, at’ Oya sigaho; nd’umugurano mugenzawe, kandi ndi mugenzi wa bene So bafise ivyo gushingira intahe Yesu: Imana ba ari yo usenga. Kukw abashingira intahe Yesu baba bavugishwa na Mpwemu.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ