Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




2 Korinto 9:2 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

2 Kuko nzi umutima ukunze wanyu, ni wo nirata mu Banyamakedoniya yuko muwufise, mvuga yukw Abanyakaya bāri basanzwe biteguye, uhereye mu mwaka ushize, kandi gushishikara kwanyu kwateye abenshi umwete.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

2 kuko ndazi inyota mufise yo gufasha. Namye ndavyirata kw’ishengero ry’i Makedoniya, ndababwira ko kuva mu mwaka uheze mwebwe abo muri Akaya mwari mwamaze kuvyitegurira, kandi ishaka ryanyu ni ryo ryatumye benshi bo mw’ishengero ry’i Makedoniya batangura gutanga.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




2 Korinto 9:2
14 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Maze Galiyo abaye icēgēra ca Kayisari muri Akaya, Abayuda bahūza inama bakūrira hasi Paulo, bamujana imbere y’intebe y’imanza,


Maz’ imyaka myinshi ishize, njanwayo no gushīra ubgoko bgacu ivy’ubuntu, no gutanga ibimazi.


Kukw ab’i Makedoniya no muri Akaya bahimbawe no gusorōranya ivyo gutabara aboro bo mu bera b’i Yerusalemu.


Nuko ndabinginze, bene Data, murazi abo kwa Stefana, kw ari bo bāshuje mu Banyakaya, kandi kw ari bo bītangiye gukorera abera.


Paulo, intumwa ya Kristo Yesu, nk’ukw Imana yagomvye, na Timoteyo mwene Data, turabandikiye abo mw ishengero ry’Imana ry’i Korinto, n’abera bose bari muri Akaya hose:


Namba har’ icanteye ko mbirata mbarātira Tito, ntivyantētereje: ariko nk’uko twababgiye vyose ukuri, ni ko n’ukwirata kwacu, twarātiye Tito, kwabonetse kw ar’ ukw’ ukuri.


Mvuga ntababembeteranyako na mba, ndabirata cane. Nuzuye ihūmure, ndushiriza kunezerwa mu marushwa yacu yose.


Kand’ ivyo mbabgiye kur’ ivyo n’ukubagisha inama; kuko bibabereye, abātanguriye abandi uhereye ku mwaka ushize, s’ukubikora gusa, ariko no kubikunda.


Nuko none mushitse no kubikora, kugira ngo nk’uko mwakunze kuvyemera, abe ari ko mubishitsa ku vyo mufise.


Kandi si co gusa, ariko na kare uwo ni we yatoranijwe n’amashengero kwama ajana natwe kubg’ ico gikorwa c’ubuntu, ubgo tugabura ng’ Umwami wacu ashimishwe, kandi ngo twerekane umutima wacu k’ubikunze.


Nuko mubereke ivyerekana urukundo rwanyu mu maso y’amashengero, kandi yuko twari dufise inyanduruko yo kwirata mwebge.


Simbivugiye kubagera, ariko mbivugiye kugeza urukundo rwanyu kw ar’urw’ ukuri, ndarugeragereshe umwete w’abandi.


bituma muba icitegererezo c’abizera bose bar’ i Makedoniya no muri Akaya.


kandi twiyumviraneko, kugira ngo turwane ishaka ryo gukundana n’iry’ ibikorwa vyiza,


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ