Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




2 Korinto 8:2 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

2 Bakigeragezwa n’amarushwa menshi, umunezero wabo w’akaburarugero, n’ubgoro bgabo butagira iyo buhērwa, vyarushirije kuzana ubutunzi bg’ivy’ ubuntu bgabo.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

2 Bageragejwe n’ivyago vyinshi kandi bafise ubworo bw’akaburarugero. Ariko bafise umunezero usagutse, wagaragariye mu gutanga kwabo.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




2 Korinto 8:2
20 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Umutima urekura uzototahara, Kand’ ūvomera abandi azovomerwa na we.


Har’ ikimbuza kugira uko ngomba mu vyanje? Cank’ ugize ijisho ribi kuko jewe ndi mwiza?


cank’ ūhanūra ashishikarire guhanūra; ūgira ubuntu, abugire ata kinubge; ūganza aganzanye umwete; ūgira imbabazi, azigire anezerewe.


Cank’ ukēngēra itunga ryo kugira neza kwayo n’iry’ imbabazi zayo n’iry’ ukwihangana kwayo? Ntuzi yuko kugira neza kw’Imana kugushikana ku kwihana?


Kuk’ ukwirata kwacu ar’ uku, kand’ ijwi ryo mu mitima yacu rirabishingira intahe: ingeso twagirira mw isi, kandi cane‐cane muri mwebge, zar’ ukwera, n’imitima itagira ubugunge iva ku Mana, atari mu bgenge bg’abantu, ariko mu buntu bg’Imana.


Kukw icanteye kubandikira ar’ iki: kwar’ ukugira ngo mbageze, mmenye uko muri, ko munyumvira muri vyose.


tuboneka nk’abababara, ariko tunezerwa imisi yose; tuboneka nk’aboro, ariko dutungisha benshi; tuboneka nk’abatagira ico batunze, yamara dutunze vyose.


Namwe muzotungishwa muri vyose, ngo mugire ubuntu bgose, butuma dushimisha Imana.


Kuk’ uburyo mwageragejwe n’ukwo kugabura bgatumye abo bahimbaza Imana yuko muyumvira, mwātura ubutumwa bgiza bga Kristo, kandi yuko mwagize ubuntu bginshi bgo kubafasha no gufasha abandi bose.


Ariko nta bakene bazoba muri mwebge, kuk’ Uhoraho Imana yanyu atazobura kubahēra umugisha mu gihugu yabahaye kuba ishamvu yanyu ngo mucegukire,


Namwe mwaratwīgānye, mwīgāna n’Umwami wacu, mumaze kwakīrira ijambo ry’Imana mu marushwa menshi, munezerejwe na Mpwemu Yera,


Namwe bene Data, mwīgānye amashengero y’Imana y’i Yudaya, ari muri Kristo Yesu, kukw ivyo mwābabajwe n’ubgoko bganyu ari bimwe n’ivy’ abo bābabajwe n’Abayuda,


Ni mwumve, bene Data nkunda. Mbeg’ Imana ntiyatoranirije aboro b’ivy’ isi kuba abatunzi mu kwizera, no kuragwa ubgami yasezeraniye abayikunda?


ngo Ndazi amarushwa yawe n’ubgoro bgawe (yamar’ ur’ umutunzi), n’ibitutsi vy’abiyita Abayuda, atari bo, arikw ar’ isinagogi ya Satani.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ