Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




2 Korinto 7:6 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

6 Arikw Imana ihūmuriza abicisha bugufi yaduhūmurishije ukuza kwa Tito.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

6 Ariko Imana itera intege abihebuye yaduhoresheje ukuza kwa Tito.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




2 Korinto 7:6
20 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Kur’ uwo musi uzovuga, ut’ Uhoraho, ndagukengurukiye, kuko naho wandakiye, uburake bgawe burahwamye, nawe uramporahoje.


Ni jewe, ni jewe nyene mbahūmuriza; uri nde utinya umuntu, kand’ azopfa; n’umwana w’ umuntu, kand’ azohinduka nk’ivyatsi?


Kuk’ ukw ari kw Imwe iri hejuru isumba vyose igize, iba ahatazoshira, izina ryayo n’Uwera; iti Mba hejuru ahantu hēra, kandi mbana n’ūfise umutima umenetse wicisha bugufi, kugira ngo mpēmbūre imitima y’abicisha bugufi, mpēmbūre n’abafise imitima imenetse.


Inzira ziwe narazibonye, kandi nzomukiza; nzomurōngōra, nzoheruka kumwirurana n’abāmuborogera.


Ni ho inkumi izonezerezwa n’ imvyino, n’abasore n’abatāma bose hamwe: kukw ikigandaro cabo nzogihindura umunezero, nzobīrūra, mbanezereze mbakūye mu mubabaro wabo.


Hahirwa abatuntuye, kukw ari bo bazokwirurwa.


nanje nzosaba Data, na we azobaha uwundi Mwitsa, ngw az’ abane namwe ibihe bidashira,


Arikw Imana itanga ukwihangana n’uguhumurizwa ibahe guhūza imitima yanyu, nk’uko Kristo Yesu agomba,


Ni co catumye duhūmurizwa. Kandi mur’ ukwo guhūmurizwa turushiriza guterwa umunezero n’umunezero wa Tito, kuk’ umutima wiwe waruhuwe namwe mwese.


Namba har’ icanteye ko mbirata mbarātira Tito, ntivyantētereje: ariko nk’uko twababgiye vyose ukuri, ni ko n’ukwirata kwacu, twarātiye Tito, kwabonetse kw ar’ ukw’ ukuri.


Kandi s’ukuza kwiwe kwonyene, ariko kandi n’uguhūmurizwa yahūmurijwe namwe, n’uko yatwīgāniye inkumbu zanyu mwangiriye, n’amarira yanyu, n’ishaka mwandwanira, ni co catumye ndushiriza kunezerwa.


Nuko namba har’ ukuremeshwa muri Kristo, namba har’ ukwirurwa kuva mu rukundo, namba har’ ugusangira Mpwemu, namba har’ imbabazi n’ikigongwe,


dutuma Timoteyo, mwene Data, umukozi w’Imana agabura ubutumwa bgiza bga Kristo, ngw abakomeze abaremeshe ku vy’ ukwizera kwanyu,


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ