Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




2 Korinto 7:5 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

5 Hamwe twaja i Makedoniya umubiri wacu ntiwaribgatenzukirwe na gatoya, kuko twababajwe uburyo bgose; inyuma hār’ intambara, imbere hār’ ubgoba.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

5 Igihe twashika i Makedoniya, imibiri yacu ntiyigeze ironka agahengwe. Twahuye n’ingorane nyinshi: intambara zari zidukikuje, hamwe n’ubwoba bwari mu mitima yacu.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




2 Korinto 7:5
23 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Maze ntiyabona aho ishinga ikirenge, imugarukako mu bgato, kukw amazi yar’agikwiye kw isi yose: atuma ukuboko arayifata, ayizana mu bgato.


Azoterwa ubgoba n’ibimukanga irya n’ino, Bizomukinagiza vyōmye ku bitsintsiri vyiwe.


Amahanga azoturirwa nk’uko baturira ishwagara; azomera nk’igiteme c’amahwa, kigaturirirwa mu muriro.


Kuko numvise benshi bandementaniriza, ubgoba bukantera irya n’ino. Abakunzi banje pfampfe bose, ni bo barereka ko notsitara, bavuga, bati Mumurege, natwe tumurege, kumbure yogwa mu mutego, natwe tukamunesha, tukamwīhōra.


ati Wavuze, uti Mbonye ibara, kuk’ Uhoraho yongereje intuntu ku mubabaro wanje! Kuniha kurandambiye, simbona akaruhuko.


Ntimuruhe musohoka mu mirima, canke ngo mufate inzira: kuko hariy’ inkota y’umwansi, n’ibiteye ubgoba irya n’ino.


Icompa nkabona uko nomarwa umubabaro! Umutima wanje undendebukiyemwo.


Umugūmūko umaze gushira, Paulo atumakw abigishwa, arabahanūra, arabasezera, avayo ngw aje i Makedoniya.


Kukw ab’i Makedoniya no muri Akaya bahimbawe no gusorōranya ivyo gutabara aboro bo mu bera b’i Yerusalemu.


Uko bukeye ndapfa, indahiro ndahiye ni mwebge vyirato vyanje, ivyo mfise muri Kristo Yesu Umwami wacu.


Ariko nzoza i wanyu, ni namara guca i Makedoniya; kuko nzorinda gucayo.


nabuze uko nduhuka mu mutima wanje, kuko ntasanzeyo Tito mwene Data; nuko narabasezeye, nja i Makedoniya.


Kandi nandikiye ivyo, kugira ngw aho nzozira noye guterwa umubabaro n’abari bakwiye kunnezereza: kuko mbizigira mwese yuk’ umunezero wanje ari wo wanyu mwese.


Kukw icanteye kubandikira ar’ iki: kwar’ ukugira ngo mbageze, mmenye uko muri, ko munyumvira muri vyose.


Munteye akōba, yuko kumbure ivyo nabakoreye natamijwe n’ubusa.


Hanze inkota izohēkūra, No mu nzu habe gucika ivutu, Yice imisore n’inkumi, N’abana bonka n’abatāma bameze imvi.


Nanje ni co catumye ntuma iyo, bitakinkundiye kwihangana, kugira ngo mmenye ukwizera kwanyu, nikenga ko wa musukanyi yoba yarabasutse, natwe tukaba twaratamijwe n’ubusa.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ