Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




2 Korinto 7:4 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

4 Mvuga ntababembeteranyako na mba, ndabirata cane. Nuzuye ihūmure, ndushiriza kunezerwa mu marushwa yacu yose.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

4 Ndabizeye cane kandi ndabanezererewe cane. Mwaranteye intege cane, kandi mu mibabaro yose naciyemwo, umunezero wanje urasesekaye.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




2 Korinto 7:4
27 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Nuko bava mu maso y’abanyekombe, banezerejwe n’uko bemerewe gutētererezwa iryo zina.


Kandi si vyo vyonyene, ariko kandi tunezererwe n’amarushwa yacu, kuko tuzi yukw amarushwa atera ukwihangana;


Ndashima Imana yanje na ntaryo kubganyu, kubg’ ubuntu bg’Imana mwahērewe muri Kristo Yesu:


nk’uko mwatwemeye agace, yuko tur’ ivyirato vyanyu, nk’uko namwe muzoba ivyacu ku musi w’Umwami wacu Yesu.


itwirura mu marushwa yacu yose, kugira ngo natwe tubone uko twirura imibabaro abari mu marushwa yose, tuyibiruza uko natwe twiruwe n’Imana.


Kuk’ ububasha bgacu Umwami wacu yaduhaye kugira ngo tububake, ntitubasambure, naho norushiriza kubgirata, sinzomāramāzwa;


Mbivuganye isoni: bisa n’aho tweho twabagizemw’ intege nke. Arikw ikintu cose gitera umuntu gushira amanga (mbivugishijwe n’ubupfu) nanje kirabintera.


Arikw Imana ishimwe, yama itujana nk’abafashwe mpiri muri Kristo, idutera kwerekana ubumote bgo kumumenyekanisha ahantu hose.


Nuko ko dufise icizigiro kingana girtyo, tuvuga tutabobotereza na gatoya,


Namba har’ icanteye ko mbirata mbarātira Tito, ntivyantētereje: ariko nk’uko twababgiye vyose ukuri, ni ko n’ukwirata kwacu, twarātiye Tito, kwabonetse kw ar’ ukw’ ukuri.


Nuko mubereke ivyerekana urukundo rwanyu mu maso y’amashengero, kandi yuko twari dufise inyanduruko yo kwirata mwebge.


Kand’ abenshi bo muri bene Data bari mu Mwami wacu, bāremeshejwe n’ingoyi zanje, barushiriza gutinyuka kuvuga ijambo ry’Imana bashize amanga.


nk’uko niteze cane nkizigira yuko hatazogira ikintu kimmāramāza, ariko ko mu bushizi bg’amanga bganje bgose Kristo aheshwe icubahiro n’umubiri wanje, nk’uko bihora biba, na none kw ari ko bizoba, naho noba ndiho canke naho noba mpfuye.


ngo muze murushirize kunyirata muri Kristo Yesu nsubiye kugaruka i wanyu.


Arikw asangwa nkwiye gusukwa ku kimazi c’ukwizera kwanyu no kw ibango ryakwo, ndanezerwa, nnezeranwa namwe mwese:


None nnezererewe amagorwa yanje yo kubganyu, kand’ ivyasigaye ku marushwa ya Kristo nanje ndabishitsa mu mubiri wanje, kubg’ umubiri wiwe, ni wo shengero,


Non’ ivyizigiro vyacu n’iki, cank’ umunezero, cank’ igitsibo co mu mutwe twirata? Mbega si mwebge, imbere y’Umwami wacu Yesu ah’ azozira?


ariko tumaze kubabarizwa i Filipi no kuhatētererezwa, nk’uko muzi, dushira amanga mu Mana yacu kubgira mwebge ubutumwa bgiza bg’Imana turi mu ntambara nyinshi.


Ni co gituma ubgacu tubirata mu mashengero y’Imana, kubg’ ukwihangana kwanyu n’ukwizera mu guhamwa kwanyu kwose n’amagorwa mushinyiriza.


Kuk’ urukundo rwawe rwanteye umunezero mwinshi rukandemesha, kand’ imitima y’abera warayiruhuye, mwene Data.


Mwiyumvire kw ar’ ivyo kunezererwa rwose, bene Data, ni mwagwa mu bibagerageza bitari bimwe,


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ