7 kuko tugenda turōngōrwa n’ukwizera, ntiturōngōrwa n’ivyo tubona —
7 Tubayeho mu kwizera, ntitubayeho kubera ivyo tubona.
Kuk’ ubu turābira mu cirore ivyijiji, arikw ico gihe tuzorāba nk’abarābana imbonankubone. Ubu nzi agace, arikw ico gihe nzomenya rwose nk’uko namenywe rwose.
S’uko tuganza ukwizera kwanyu, ariko dukorana namwe mu bibungura umunezero: kuk’ ukwizera ari kwo muhagazemwo.
Natwe ntiturāba ku biboneka, ariko turāba ku bitaboneka: kukw ibiboneka ar’ ivy’ igihe gito, arikw ibitaboneka bikaba ivy’ ibihe bidashira.
Nabambanywe na Kristo, ariko ndiho; yamara si jewe nkiriho, ni Kristo ariho muri jewe. Ivyo nkora vyose nkiriho mu mubiri mbikoreshwa no kwizera Umwana w’Imana yankunze, akanyigura.
kuko mutarashika mu buruhukiro no mw ishamvu Uhoraho Imana yanyu yabahaye.
Ariko, umugororotsi wanje azobeshwaho n’ukwizera, Na ho ni yiyonjorora ntazohimbara umutima wanje.
Uwo muramukunda naho mutigeze kumubona; kandi n’ubu, naho mutaramubona, muramwizera, bibatera kunezerwa akanyamuneza k’ubgiza katovugwa,
Mumurwanye mufise ukwizera gushikamye, muzi yukw imibabaro ihwanye n’iyanyu ishitswa kuri bene Data bari mw isi.