3 namba tuyambaye tutazosangwa twambaye ubusa.
3 kuko tumaze kuyambara ntituzosangwa turi gusa.
Maze Mose abonye kw abantu bīrekuriye mu buyobe, kuko Aroni yabakundiye kwirekurira muri bgo, bagahinduka agatwengo ku bansi babo,
Kuko tunihira mur’ uru rusago, twifuza kurwambikirwakw inzu yacu izova mw ijuru,
Kuko twebge abari mur’ uru rusago tuniha turemerewe, s’uko tugomba kwamburwa, ariko tugomba kwambikirwa kuri rwo, ngw igipfa kimirwe n’ubugingo.
(Ehe ndaza nk’igisuma. Hahirwa ūba maso, akazigama impuzu ziwe, ngo ntagende amēnya, bakabona isoni z’ubgambure bgiwe.)
ndakugīra inama, ungurekw izahabu yakūwekw inkamba n’umuriro, ubone kuba umutunzi; ungureko n’impuzu zera, ubone kwambara, isoni z’ubgambure bgawe ntizigaragare; kand’ ungureko n’umuti wo gusīga ku maso, ubone guhumūka.