Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




2 Korinto 5:1 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

1 Turazi yukw inzu y’urusago yacu yo kw isi ni yaramuka isambuwe, dufise inyubako iva ku Mana, inzu itubatswe n’amaboko, itazoshira yo mw ijuru.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

1 Turazi neza ko iri ihema tubamwo ari wo mubiri wacu niwapfa ugakurwa kuri iyi si tuzoronka inyubakwa iva ku Mana, inzu izokwamaho yo mw’ijuru, itubatswe n’amaboko y’abantu.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




2 Korinto 5:1
25 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

kwirirwa urabira akuya ni kwo kuzoguhesha ivyo kurya uz’ urinde usubira mw ivu, kukw ari ryo wakūwemwo: ur’umukungugu, kand’ umukungugu ni wo uzosubiramwo.


Unteruza umuyaga, ugatuma njanwa na wo; Unnyukangiye mu kirura.


None ntivyorushiriza ku baba mu nzu z’ibumba, Amatanguriro yazo akaba mu mukungugu, Bahonyoreka nk’inyenzi?


Maz’ abansi banje bazosubizwa inyuma ku musi nzotakambako: Ivyo ndabizi, kukw Imana iri mu ruhande rwanje.


Inzu yanje ikūweho, imvanyweko nk’ukw ihema ry’ umwungere ritaragama. Ubugingo bganje ndabuzinze nk’uk’ ūjisha azinga; agira ancācūre ku mambo: Umusi ugeze kwīra azoba amaze kumpeza.


bati Twebge twaramwumvise avuga, ati Nzosambura uru rusengero rwubatswe n’intoke nubake urundi mu misi itatu, rutubatswe n’intoke.


Yamar’ Īsumba vyose ntiba mu zubakishijwe amaboko: nk’uk’ uwavugishijwe n’Imana yavuze,


Kukw Imana ari yo dukorana, namwe mur’ indimiro y’Imana, mur’ inzu yubakwa n’Imana.


Ariko dufise ubgo butunzi mu nzavya z’ibumba, ng’ ubushobozi buhebuje bube ubg’ Imana, butavuye kuri twebge.


Kuko twebge abari mur’ uru rusago tuniha turemerewe, s’uko tugomba kwamburwa, ariko tugomba kwambikirwa kuri rwo, ngw igipfa kimirwe n’ubugingo.


Kandi muri we mwākebge ugukebga kutar’ ukw’ intoke, hamwe mwiyambura akameremere k’umubiri, ni kwo gukebga kwo muri Kristo;


Ni co gituma kandi mbabazwa ntya, yamara ntibintera isoni, kuko nzi uwo nizeye, kandi nzi ntakekeranya yukw ashobora kuzigama ikibītsanyo namubīkije gushitsa kuri wa musi.


Kuko yar’ arorereye ca gisagara cubatswe kw itanguriro, umugezi n’umwubatsi waco n’Imana.


Ariko Kristo amaze kuza, umuherezi mukuru w’ivyiza bizoza, aca mw ihema rirusha rya rindi kuba irihambaye n’iritunganye rwose, ritākozwe n’intoke, bisobanurwa ngo ritar’ iryo mu vyaremwe vy’ubu.


Kuko Kristo atinjiye ahēra cane hākozwe n’intoke, h’ikigereranyo c’ah’ ukuri, ariko yinjiye mw ijuru ubgaho, kugira ngo non’ aduserukire imbere y’inyonga z’Imana.


ngo tuze twegukire umwandu utazobora, utanduye, udakabirana, mwabīkiwe mw ijuru,


None, kw ivyo vyose bizoshonga birtyo, mukwiye kumera mute mu ngeso zera no mu kwubaha Imana,


Twebge turazi yuko twavuye mu rupfu, twashitse mu bugingo, kuko dukunda bene Data. Ūdakundana yama mu rupfu.


Ico ni co kizotumenyesha ko tur’ ab’ ukuri, kandi tuzoshitsa umutima mu nda imbere yayo,


Abo nkunda, none tur’ abana b’Imana, arik’ uko tuzomera ntikurahishurwa; ico tuzi, n’uko Yesu ni yahishurwa tuzosa na we, kuko tuzomurāba ukw ari.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ