Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




2 Korinto 4:9 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

9 turahamwa, ariko ntiduhebga; dukubitwa hasi, ariko ntitugwaho:

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

9 Turahamwa ariko ntituva ku Mana. Dukubitwa hasi ariko ntidupfa.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




2 Korinto 4:9
19 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ni bagutsinda hasi uzovuga, uti Har’ ikimvyutsa; Kand’ uwicisha bugufi Imana izomukiza.


Bāmbabaje kenshi, uhereye mu buto bganje, Ariko ntibānnesheje.


Mana yanje, Mana yanje, n’iki kikumpebesheje, Ukaba kure ntuntabare, kure y’amajambo yo kuniha kwanje?


Uhoraho akunda imanza ziroranye, Ntaheba abakunzi biwe. Bazigamwa ibihe vyose; Arik’ uruvyaro rw’abanyakibi ruzorandurwa.


Mutima wanje, n’iki gitumye wicurikīra? N’iki gitumye umpagararamwo? Ni wishimire Imana kuko na none nzosubira kuyihimbaza, Ni yo gakiza ko mu maso hanje, n’Imana yanje.


Mutima wanje, n’iki gitumye wicurikīra? N’iki gitumye umpagararamwo? Ni wishimire Imana, kuko na none nzosubira kuyihimbariza Agakiza kava mu nyonga hayo.


Kand’ abazi izina ryawe bazokwizigira, Kuko wewe, Uhoraho, udahemukira abakurondera.


Kuk’ umugororotsi n’iyo yogwa ibihetangabo ndwi, asubira kuvyuka, Arikw abanyakibi bazogwa mu vyago.


Ni waca mu mazi nzoba ndi kumwe nawe, no mu nzūzi ntizizokurengera; ni waca mu muriro ntuzosha, kandi n’urubeya ntiruzokubabura.


Ntuzosubira kwitwa Ntabga, n’igihugu cawe ntikizosubira kwitwa Misaka; arik’ uzokwitwa Nkundwakazi, n’igihugu cawe kizokwitwa Uwābiriwe; kuk’ Uhoraho agukundwakaje, kand’ igihugu cawe kizokwābīrwa.


Ewe mwansi wanje, nta co unyitamba hejuru! Ni natemba nzovyuka, ni nicara mu mwiza Uhoraho azombera umuco.


Nah’ umusukoni utoshurika, Canke n’imizabibu ngw igire ico yama, N’icimburo c’imyelayo kikabura, N’imirima ntiyere indya na mba, N’umukuku ugahenebera mu ruhongore, Ntihabe hakigira n’inka mu rugo:


Mwibuke rya jambo nababgiye, nt’ Umushumba ntaruta shebuja; namba bārampamye, namwe bazobahama; namba bāritondeye ijambo ryanje, n’iryanyu bazoryitondera.


Ni nde azodutandukanya n’urukundo rwa Kristo? Mbega n’amarushwa, canke n’ivyago, canke n’uguhamwa, canke n’inzara, canke n’ukwambara ubusa, canke n’ukuba mw irinde, canke n’inkota?


Arikw Imana ihūmuriza abicisha bugufi yaduhūmurishije ukuza kwa Tito.


Mber’ abagomba bose kugenda bubaha Imana bari muri Kristo Yesu, bazohamwa.


Gukunda amahera ntikube mu ngeso zanyu; ivyo mufise bibabumbe; kuk’ ubgayo yavuze, iti Nta ho nzoguhemukira, nta ho nzoguta.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ