Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




2 Korinto 4:8 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

8 Dusugerezwa impande zose, ariko ntidushika mu mbombane; turazazanirwa, ariko ntituranduka umutima;

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

8 Dushikirwa n’ingorane z’ubwoko bwose, ariko turi bazima. Turakehanirwa ariko ntiducika intege.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




2 Korinto 4:8
26 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ni co gituma kubga Kristo nzonezererwa intege nke zanje, no gukubagurwa, n’imibabaro, no guhīgwa, n’ivyago: kukw iyo mbaye umunyantege nke ari ho ndushiriza kugira ubushobozi.


Hamwe twaja i Makedoniya umubiri wacu ntiwaribgatenzukirwe na gatoya, kuko twababajwe uburyo bgose; inyuma hār’ intambara, imbere hār’ ubgoba.


Uhoraho ntazomurekera mu kuboko kwiwe, Kandi ntazomutsindisha mu manza.


Sinzobasiga nk’impfuvyi, nzoza kuri mwebge.


Nta cabagerageje kitar’ ic’ umuntu yoshobora kwihanganira: arikw Imana n’iyo kwizigirwa ntizobakundira ko mugeragezwa n’ibiruta ivyo mushobora, ariko hamwe n’ikibagerageza izobacira icanzo, kugira ngo mubone ingene mushobora kucihanganira.


Ariko twishimagiza muri vyose nk’abakozi b’Imana, twihangana cane mu marushwa, mu mibabaro, mu vyago,


Kwubaha Uhoraho n’icizigiro gikomeye, Kand’ abana biwe bazogira ubuhungiro.


Nuko Samweli abaza Sauli, ati N’iki gitumye uza kunkoma, ukanzūra? Sauli aramwishura, ati N’uko ndi mu magorwa, kukw Abafilisitiya baje kuntera, kand’ Imana ikaba yarantaye, ata co ikinyishura, ari mu bo ivugisha canke mu nzozi. Ni co kinteye kuguhamagara, ng’ummenyeshe ico nkwiye gukora.


Maze Dawidi agira intuntu nyinshi, kukw abantu bāvuga nk’abagomba kumutera amabuye; bose bāri n’akabonge kubg’ abana babo b’abahungu n’abakobga; ariko Dawidi arīremēsha, yisunze Uhoraho Imana yiwe.


Izina ry’Uhoraho n’umunara ukomeye: Umugororotsi awirukiramwo, akaba amahoro.


Maze Sauli abarira ūmutwaje ibirwanishwa, ati Sokōra inkota, uyinsogote, zirya ntakebga zoye kunshikīra ngo zinsogote, zinshinyagurire. Arik’ ūmutwaje ibirwanishwa aranka, kuko yari yagize ubgoba bginshi. Sauli ni kwo gufata iyiwe nkota, ayīsukako.


Bāmbabaje kenshi, uhereye mu buto bganje, Ariko ntibānnesheje.


arikw abīteze Uhoraho bazokwama biyubura mu nkomezi nsha; bazodūgisha amababa nk’ inkukuma, biruke ntibaruhe, bagende ntibadendebukirwe.


Nah’ umusukoni utoshurika, Canke n’imizabibu ngw igire ico yama, N’icimburo c’imyelayo kikabura, N’imirima ntiyere indya na mba, N’umukuku ugahenebera mu ruhongore, Ntihabe hakigira n’inka mu rugo:


ntimwāgiwe muri twebge, yamara mwāgiwe mu mitima yanyu.


Kandi nagomba gushikīrana namwe aka kanya, no kworosha ijwi, kukw ivyanyu binzazaniye.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ