Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




2 Korinto 4:4 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

4 ni bo batizera, bamwe imana y’iki gihe yahumye imitima, ng’umuco ntubākire w’ubutumwa bg’ubgiza bga Kristo, ni we shusho y’Imana.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

4 Umwami w’iyi si yarahumishije ubwenge bw’abatizera, kugira ngo ntibabone umuco w’Ubutumwa Bwiza bw’ubwiza bwa Kristo, we shusho y’Imana.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




2 Korinto 4:4
42 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Uhoraho arayibaza, at’ Uja kumwosha ute? Na yo iti Ndagenda nihindure impwemu y’ibinyoma mu kanwa ka ba kamenyi biwe bose. Na we arayishura, ati Nuko, uramwosha, kand’ uzobishobora; genda ugire urtyo.


Kuri Siyoni h’ubgiza buhebuje Ni ho Imana ikayanganiye.


Wame ukomantaza umutima w’ubgo bgoko, uhindure amatwi yabo bihurugutwi, uhume amaso yabo; kugira ngo ntibarābīshe amaso, ntibumvishe amatwi, ntibatahurishe imitima, ngo bahindukire bakire.


Uwabibge mu mahwa ni we yumva iryo jambo, arik’ umwitwaririko w’ivy’ isi n’uruhendo rw’ubutunzi bikanyoha iryo jambo, akaba ikirumbirane.


Kand’ uwo Jambo yihaye umubiri, abana natwe, twitegereza ubgiza bgiwe, n’ubgiza bumeze nk’ubg’ Umwana w’ikinege ava kwa Se, yuzuye ubuntu n’ukuri.


Nta muntu yigeze kubona Imana na rimwe; Umwana w’ikinege aba mu gikiriza ca Se ni we yayimenyekanishije.


Non’ ubu iyi si iciriwekw iteka, non’ ubu umutware w’iyi si agira ahindirwe hanze.


Yesu arababgira, ati Hasigaye igihe gito umuco ukiri muri mwebge: ni mugende mugifise umuco, umwiza woye kubīriranirako. Ūgenda mu mwiza ntamenya iy’ aja.


ati Yabahumye amaso, yabakomantaje imitima, Kugira ngo boye kubonesha amaso, no gutahurisha imitima, No guhindukira, Ngo mbakize.


Sinkivugana namwe vyinshi, kuk’ umwami w’isi ari mu kuza, yamara muri jewe nta kintu ahafise;


Iyo ntaba narakoreye ibikorwa muri bo bitigeze gukorwa n’uwundi, nta caha baba bafise, ariko noneho twe na Data baratubonye, baraheza baratwanka.


ivy’ amateka, kuk’ umwami w’iyi si yaciriwekw iteka.


Yesu yongera kubabgira, ati Jewe nd’ umuco w’isi, ūnkurikira nta ho azogenda mu mwiza, arikw azogira umuco w’ubugingo.


kubahumūra amaso kugira ngo bahindukire bave mu mwiza baje mu muco, bave no mu bubasha bga Satani baje ku Mana, bateko baharirwe ivyaha vyabo, baraganwe n’abejejwe n’ukunyizera.


yuko Kristo atazobura kubabazwa, kandi kw ari we azobanza kuzuka mu bapfuye, no kubgira ubgoko bgacu n’abanyamahanga ubutumwa bg’umuco.


Ariko mvuga yukw ibimazi abanyamahanga batanga, babiha abadayimoni, babiterekereza abadayimoni, ntibabiha Imana: nanje singomba yuko musangira n’abadayimoni.


kugira ngo Satani ntaronke ic’ adutsindisha, kuko tutayobewe imigabo yiwe.


Arikw aho naja i Tirowa, njanywe n’ubutumwa bgiza bga Kristo, ngasanga nugururiwe urugi mu Mwami wacu,


Igishira ko cari n’ubgiza, igihoraho kirushiriza cane kugira ubgiza.


Arikw imitima yabo irakomantara. Kuko gushitsa na bugingo n’ubu, ca citwikiro kikiriho mw isomwa ry’isezerano rya kera, ntikirakūrwaho, kuko muri Kristo ari ho giherera.


Tweho twese, ko tutitwikiriye mu maso, tukerekana nk’icirore ubgiza bg’Umwami, turahinduka, tugashushanywa n’iyo shusho, tukava mu bgiza tukaja mu bundi, nk’abahindurwa n’Umwami, ari we Mpwemu.


Imana, imwe yavuze ng’ Umuco wāke, uvuye mu mwiza, ni yo yākiye mu mitima yacu, kwerekana umuco, ni wo kumenya ubgiza bg’Imana buri mu nyonga ha Yesu Kristo.


yitangiye ivyaha vyacu, ngw aturokore mur’ iki gihe kibi ca none, nk’ukw Imana yacu yagomvye, ni yo Data we twese.


ivyo mwagenderamwo kera, nk’ukw ivy’ iyi si bigenda, mwumvira umwami w’abaganza ikirēre, ni we mpwemu ikorera mu bantu b’intabarirwa.


Kukw abo tunigana atar’ ab’ inyama n’amaraso, ariko tunigana n’abakuru n’abafise ububasha n’abaganza iyi si y’umwiza, n’impwemu mbi z’ahantu ho mw ijuru.


Uwo, naho yar’ asanganywe ishusho y’Imana, ntiyiyumviriye yuko kuringanira n’Imana ar’ ikintu co kwumirako:


Ni we shusho y’Imana itaboneka, ni we mfura mu vyaremwe vyose:


abo Imana yakunze kumenyesha itunga ry’ubgiza bg’iri banga, rivugwa mu banyamahanga, ni ryo Kristo ari muri mwebge, ivyizigiro vyo kuzoronka ubgiza.


gukurikira ubutumwa bg’ubgiza bg’Imana ishemagizwa, ubgo najejwe.


twitega ivyizigiro vy’amahirwe no kuzoseruka kw’ubgiza bga Yesu Kristo, ni we Mana yacu ihambaye n’Umukiza,


Uwo, kukw ar’ ugukayangana kw’ubgiza bgayo, n’ishusho y’akameremere kayo, kand’ ashigikiza vyose ijambo ry’ubushobozi bgiwe, ahejeje gushirah’ umwuhagiro w’ivyaha, avyagira i buryo bg’icubahiro c’ubgami bgo mw ijuru:


Kukw abamaze kwākirwa n’umuco, bagatamira ingabire iva mw ijuru, bagasangira Mpwemu Yera,


Ariko turafise ijambo ryavugishijwe, ryarakomejwe kurushiriza. Mugira neza ko murishirak’ umutima, ni nk’itara ryākira ahacuze umwiza, rigakesha ijoro, rikageza ah’ ikinyenyeri co mu gaturuturu kizobandurira mu mitima yanyu:


Arik’ uwanka mwene Data wundi ari mu mwiza, kand’ agendera mu mwiza, ntazi iy’ aja, kuk’ umwiza wamuhumishije amaso.


Kandi ndabandikira icagezwe gisha, kand’ ico n’ic’ ukuri muri we no muri mwebge: kuk’ umwiza urik’ urashira, umuco w’ukuri umaze kwaka.


Turazi yuko tur’ ab’ Imana, kand’ isi yose iri muri wa Mubi.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ