Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




2 Korinto 4:2 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

2 Twanse ibiteye isoni bikorerwa mu mpisho, ntitugenda mu bugunge, ntidufudika ijambo ry’Imana, ariko kwerekana ukuri ni kwo twishimagirisha mu nyonga z’Imana ku mutima w’umuntu wese.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

2 Ariko twahevye ibiterasoni vyose twakora twinyegeje; ntidukoresha ubugunge, ntitugoramika ijambo ry’Imana. Ahubwo tuvugira ukuri ahabona, kugira ngo abantu bamenye abo turi imbere y’Imana.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




2 Korinto 4:2
16 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Arababarira, ati Ni musubīre ubugira kabiri. Barasubīra. Arongera, ati Ni musubīre n’ ubugira gatatu. Bagira kuno nyene.


Kuk’ ubutumwa bgiza butantera isoni, ar’ ubushobozi bg’Imana, buzanira uwizera wese agakiza, uhereye ku Muyuda ukageza ku Mugiriki.


None rer’ ico gihe mwari n’imbuto ki mu bibamāramāza ubu? Kukw amaherezo yavyo ar’ urupfu.


Ni co gituma mudakwiye guca urubanza rw’ikintu na kimwe igihe carwo kitarashika, ni co kuza kw’Umwami wacu, azomurika ivyari vyanyegejwe mu mwiza, kand’ azogaragaza inama zo mu mitima: ni ho umuntu wese azohabga n’Imana ishimwe rimukwiye.


Kuk’ ukwirata kwacu ar’ uku, kand’ ijwi ryo mu mitima yacu rirabishingira intahe: ingeso twagirira mw isi, kandi cane‐cane muri mwebge, zar’ ukwera, n’imitima itagira ubugunge iva ku Mana, atari mu bgenge bg’abantu, ariko mu buntu bg’Imana.


Ariko ndiyubara yuko, nk’uko ya nzoka yahendesheje Eva ukwiyorobeka kwayo, kumbure ivyiyumviro vyanyu vyokwoshwa, mugaca mureka ukugororoka n’ukwera mu vya Kristo.


Naho nd’umutungu mu majambo, sind’ umutungu mu bgenge, kand’ ivyo twarabiberetse muri vyose no mu maso ya bose.


Kuko tutari nka bamwe benshi, bacurūrīsha ijambo ry’Imana, ariko tuvuga nk’abatagira ubugunge, bavuga ibiva ku Mana, ni ko tuvuga muri Kristo, imbere y’Imana.


Nuko kuko tuzi ingen’ ugutinya Umwami wacu kumeze, twemeza abantu, arikw Imana turayigaragarira: kandi rero nizigiye yuko tugaragarira n’imitima yanyu.


mu cubahiro no mu gakēngērwe, mu mugayo no mw ishimwe; twiyumvirwa nk’abanyabinyoma, ariko tur’ abanyakuri;


Namba har’ icanteye ko mbirata mbarātira Tito, ntivyantētereje: ariko nk’uko twababgiye vyose ukuri, ni ko n’ukwirata kwacu, twarātiye Tito, kwabonetse kw ar’ ukw’ ukuri.


kugira ngo dushire ubgana, ntituzungazungishwe n’imipfunda, ngo tujanwe irya n’ino n’imiyaga yose y’inyigisho n’amangetengete y’abantu, n’ubugunge bgabo, n’uburyo bginshi bgo kutuzimiza.


kukw ibikorwa na bo mu mpisho biteye isoni no kubivuga.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ