Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




2 Korinto 3:7 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

7 Yamar’ ubgo bugabuzi bgandikishijwe inyuguti zikorogoshowe mu mabuye bgaganzwa n’urupfu, naho bgari bgazananye n’ubgiza. Arik’ ubgo bgiza, naho bgagenda bushira, bgatumye Abisirayeli badashobora gutumbera mu maso ha Mose.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

7 Igihe ivyagezwe vyandikwa ku bisate vy’amabuye indome ku yindi, ubwiza bw’Imana bwaciye bukayangana. Mu maso ha Mose harakayanganye gushika aho Abisirayeli batashobora kumuraba mu maso, ariko ukwo gukayangana kwari ukw’akanya gato. Nimba rero ivyagezwe bikora igikorwa co kuzanira abantu urupfu vyazananye n’ubwiza bungana gutyo,

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




2 Korinto 3:7
38 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Uhoraho Imana aronkera Adamu n’umugore wiwe imyambaro y’insāto, arabambika.


Uramanuka uhagarara ku musozi Sinayi, uvugana na bo uri mw ijuru, ubaha amateka agororotse n’ivyagezwe vy’ukuri, n’ivyashinzwe bo n’amabgirizwa vy’agahore.


Uhoraho, nifuje agakiza kawe, Kand’ ivyagezwe vyawe ni vyo bimpimbara.


Ewe kuntu nkunda ivyagezwe vyawe! Ni vyo ndimbūra bukarinda bgīra.


Uhoraho abarira Mose, ati Dūga, uze aho ndi kur’ uyu musozi, ugumeho; nanje nzoguha ibisate vy’amabuye birikw ivyagezwe n’amabgirizwa, ivyo nanditse ng’ uvyigishe.


Uhoraho amaze kubonanira na Mose kur’ uwo musozi Sinayi, amuha ibisate bibiri vyanditswekw Ibishinga intahe, ivyo bisate vyar’ ivy’ amabuye, vyanditsweko n’ urutoke rw’ Imana.


Nukw ashitse hafi y’aho bashagaje, abona ya masa n’abariko baratamba; uburake bga Mose buraziriringa, ata hasi ivyo bisate yar’ afise mu ntoke, abimenera mu mucāmo w’uwo musozi.


Uhoraho abarira Mose, ati Wībāzire ibisate vy’amabuye bibiri bisa n’ivya mbere: nanje nzokwandika kur’ ivyo bisate amajambo yari ku vya mbere wamennye.


Abicaye mw ikombe bose bamuhanze amaso babona mu maso hiwe, hasa n’ah’ umumarayika.


Kuko Kristo ari we ivyagezwe bishikirako, kugira ngw aheshe uwizera wese ukugororoka.


Kukw ivyagezwe bizana uburake, arikw ah’ ivyagezwe bitari, nta gicumuro kiba kiriho.


Arikw ivyagezwe vyaje na vyo, kugira ngo gucumura kugwīre: yamara, ah’ icaha cagwiriye ni ho ubuntu bg’Imana bgarushirije kugwira,


kand’ ico cagezwe co kuzana ubugingo nakibona kinzanira urupfu.


Nnezererwa ivyagezwe n’Imana mu mutima wanje,


Tukiganzwa n’akameremere kacu, ukwifuza kw’ivyaha kw’uburyo bginshi kwazanywe n’ivyagezwe kwakorera mu mibiri yacu, kugira ngo twamire urupfu imbuto.


ariko, ah’ igihingūye kizoshikira, ivy’ agace bizokūrwaho.


Kuko muboneka ko mur’ icete Kristo yatwandikishije, nk’ukw igikorwa cacu kiri; kitandikishijwe wino, ariko candikishijwe Mpwemu w’Imana nzima; kitanditswe ku bisate vy’amabuye, ariko canditswe ku bisate ni vyo mitima y’inyama.


ni yo yadushoboje kuba abakozi b’isezerano risha, yamara s’abakozi b’ivyandikishijwe inyuguti, ariko n’ab’ impwemu: kukw ivyandikishijwe inyuguti vyicisha, arikw impwemu ihesha ubugingo.


None ko vyabaye birtyo, ubugabuzi buganzwa na Mpwemu ntiburushiriza cane kuzanana n’ubgiza?


Abishimira ibikorwa vy’ivyagezwe bose bari n’umuvumo: kuko handitswe ngw Azoba avumwe umuntu wese adashishikarira ivyanditswe vyose mu gitabo c’ivyagezwe, ngw avyitondere.


Mbeg’ ivyagezwe birwanya amasezerano y’Imana? Eka na mba! Iyo haba harih’ ivyagezwe vyashinzwe bishobora kubeshah’ abantu, n’ukuri ukugororoka kuba kwarazanywe n’ivyagezwe.


Abamenyesha isezerano ryiwe, ababarira ngo murishitse, ni vyo vya vyagezwe cumi; avyandika ku bisate vy’amabuye bibiri.


Canke har’ ihanga rihambaye rifise amabgirizwa n’amatēka ashinzwe aroranye, nk’ukw ibi vyagezwe vyose biri, nshize imbere yanyu uyu musi?


Ayo majambo Uhoraho yayababgiye mukoraniye hamwe mwese kuri wa musozi, ntiyagira ikindi yongera kuri yo; ayavugisha ijwi rirenga, ayavugiye mu muriro, no muri ca gicu c’igipfungu, no mu mwiza w’ umuzimagiza. Araheza ayandika ku bisate bibiri vy’ amabuye, arabimpa.


Nuko ndahindukira, mmanuka uwo musozi; kand’ uwo musozi warik’ urāka umuriro, mfise vya bisate vyompi mu minwe birikw isezerano.


Ntimwegereye umusozi wokorwako, waka umuriro, kandi ntimwegereye umwiza w’umuzimagiza n’uw’ umuzitanya, n’igihuhuta,


Kuk’ uyo yiyumviriwe kw akwiye guhabga icubahiro kiruta ica Mose, nk’ukw ishimwe ry’uwubatse urugo riruta iry’ urugo.


hārimw’ igicaniro co kwoserezakw imibavu cakozwe mw izahabu, hārimwo n’isandugu y’isezerano yometswekw izahabu impande zose, irimw’ urwavya rw’izahabu rurimwo manu, irimwo na ya nkoni ya Aroni yashurika, na vya bisate vy’amabuye vyanditswekw isezerano.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ