Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




2 Korinto 2:9 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

9 Kukw icanteye kubandikira ar’ iki: kwar’ ukugira ngo mbageze, mmenye uko muri, ko munyumvira muri vyose.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

9 Ikindi catumye ndabandikira kwari ukubageza ngo ndabe ko mukurikiza ivyo nababwiye vyose.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




2 Korinto 2:9
15 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Maz’ Uhoraho abarira Mose, ati Rāba, ngira ngo ndabacuncuburire umutsima uvuye mw ijuru: uko bukeye abantu baze bame baja kwegeranya ivy’ uwo musi, kugira ngo mbagerageze ndābe yuko bitondera ivyagezwe vyanje, canke ko batavyitondera.


Kandi twiteguye guhana ubutumva bgose, aho mwebge muzogirira ukwumva gushitse.


Kandi nandikiye ivyo, kugira ngw aho nzozira noye guterwa umubabaro n’abari bakwiye kunnezereza: kuko mbizigira mwese yuk’ umunezero wanje ari wo wanyu mwese.


Nabandikiye mfise intuntu nyinshi, umutima wamvuyemwo, ndira amarira menshi; ntikwar’ ukugira ngo muterwe umubabaro mwebge, ariko kwar’ ukugira ngo mumenye urukundo ndushiriza kubagirira.


Nuko ndabinginga mukomeze urukundo kuri we.


Bakigeragezwa n’amarushwa menshi, umunezero wabo w’akaburarugero, n’ubgoro bgabo butagira iyo buhērwa, vyarushirije kuzana ubutunzi bg’ivy’ ubuntu bgabo.


Nuko mubereke ivyerekana urukundo rwanyu mu maso y’amashengero, kandi yuko twari dufise inyanduruko yo kwirata mwebge.


ntimuze mwemere amagambo y’uwo muvugishwa canke y’uwo murōsi, kuk’ Uhoraho Imana yanyu azoba abagerageza, ngw amenye yuko mumukundisha imitima yanyu yose n’ubugingo bganyu bgose.


ikabagaburira manu mur’ ubgo bugaragwa, iyo ba sogokuruza banyu batigeze kumenya; kugira ngw abacishe bugufi, abagerageze, maz’ amaherezo az’ abagirire neza.


Kandi muze mwibuke urugendo rwose rwo mu bugaragwa Uhoraho Imana yanyu yabarōngōyemw’ iyi myaka ukw ari mirongwine; kugira ngw abacishe bugufi, abagerageze, amenye ibiri mu mitima yanyu, yuko muzokwitondera ivyagezwe vyiwe canke ko mutazovyitondera.


Nuko rer’ abo nkunda, nk’uko mwamye muganduka abe ari ko mushitsa agakiza kanyu, mutinya muhinda agashitsi, yamara s’iyo ndiho gusa, ariko n’ubu nyene naho ntar’ iyo ni murushirize.


Ariko murazi ingen’ uwo yagejejwe akarama, kandi yuko, nk’uk’ umwana amereranira na se, ari ko yakoranye nanje igikorwa co gukwiza ubutumwa bgiza.


Ni hagira umuntu atumvira ijambo ryacu ryo mur’ iki cete, mumwitegereze, ntimufatanye na we, kugira ngw amāramāre.


Nkwandikiye nizigiye k’uzonyumvira, nzi yuk’ uzokora n’ibiruta ivyo mvuze.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ