6 Ico gihano abenshi bāmuhannye, kiramaze k’ūmeze artyo,
6 Abenshi muri mwebwe mwaramugwanije kandi ico gihano yahawe kiramaze.
Ni co gitumye mbandikira ivyo tutari kumwe, kugira ngo ni twaba kumwe noye kuzohambara, nk’uko nahawe ububasha n’Umwami wacu bgo kwubaka, ariko s’ubgo gusambura.
Ntimubona uwo mubabaro wo mu buryo bg’Imana, ukuntu wabateye umwete mwinshi urtyo? Kandi ko wabateye no kwiregura, no guhigimanga, no gutinya, n’inkumbu, n’ishaka, no guhana? Muri vyose mwiyerekanye ko mwejejwe mur’ ivyo.
Abakora ivyaha ubahanire mu maso ya bose, kugira ngw abandi na bo batinye.