Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




2 Korinto 2:4 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

4 Nabandikiye mfise intuntu nyinshi, umutima wamvuyemwo, ndira amarira menshi; ntikwar’ ukugira ngo muterwe umubabaro mwebge, ariko kwar’ ukugira ngo mumenye urukundo ndushiriza kubagirira.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

4 Nabandikiye mfise agahinda n’umubabaro mwinshi bivanze n’amarira, ntipfuza kubatera imibabaro, ariko nipfuza ko mumenya urukundo rwinshi ndabakunda.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




2 Korinto 2:4
12 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Amaso yanje asendanisha inzūzi z’amazi, Kuko batitondera ivyagezwe vyawe.


Mbafuhira ifuhe ryo kubg’ Imana, kuko nabahaye umugabo umwe, ni we Kristo, ngo ndabamushingire mumeze nk’inkumi itunganye.


Kubganje nzonezererwa cane gutanga ivyanje, no kwitanga rwose, nitangira ubugingo bganyu. Mbega ko ndushiriza kubagirira urukundo, non’ urwo nkundwa rugabanuke?


Kukw icanteye kubandikira ar’ iki: kwar’ ukugira ngo mbageze, mmenye uko muri, ko munyumvira muri vyose.


Nuko naho nabandikiye, ivyanyandikishije s’ivy’ uwagize nabi, kandi s’ivy’ uwagiriwe nabi, ariko n’ukugira ng’umwete mutugirira werekanirwe hagati yanyu mu nyonga z’Imana.


Kuko benshi bagenda ukundi, abo nababgiye kenshi, na none ndabababgira ndira, yukw ar’ abansi b’umusaraba wa Kristo,


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ