Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




2 Korinto 13:9 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

9 Turanezerwa iyo tugize intege nke, namwe mukagira inkomezi: kand’ ico dusaba ngiki, n’uko mutunganywa rwose.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

9 Turanezerwa iyo tuboneka nk’abanyantegenke ariko mukaboneka ko muri abanyenkomezi. Kandi turabasengera ngo mutunganywe rwose.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




2 Korinto 13:9
21 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Umuntu wese muri twebge anezereze mugenzi we, kugira ngw abone ivyiza, akomezwe.


Ariko ndabinginga, bene Data, mw izina ry’Umwami wacu Yesu Kristo, mwese mube imvugarimwe, kandi n’ibice ntibiremwe muri mwebge, ariko mutunganywe rwose hamwe, muhūje umutima n’inama.


Ariko nabana namwe mfise intege nke, ndi n’ubgoba, mpinda agashitsi kenshi,


Twebge tur’ ibipfu kubga Kristo; mweho mur’ abanyabgenge muri Kristo: tur’ abanyantege nke, mur’ abanyabushobozi: mur’ abanyacubahiro, tur’ inkēngērwa.


Namba nkwiye kwirata, nirata ivy’ intege nke zanje.


Ibisigaye bene Data, muganūke; mutungane rwose, mwemere guhanūrwa, muhuze imitima, mubane amahoro. Ni ho Imana Nyen’ urukundo n’amahoro izobana namwe.


Kukw intege nke zāteye kw abambga, ariko non’ ariho kubg’ ubushobozi bg’Imana. Natwe tur’ abanyantege nke muri we, ariko tuzobanaho na we, kubg’ ubushobozi bg’Imana tubereyeho mwebge.


Nuko rer’ urupfu rukorera muri twebge, arik’ ubugingo bukorera muri mwebge.


Nuko bakundwa, ko dufise ivyo vyasezeranywe, twiyuhagire ubuhumane bgose bg’umubiri n’ubg’ umutima, kuba abera tugushikishe kwubaha Imana.


Natwe ni we twamamaza, duhanūra umuntu wese, twigishisha umuntu wese ubgenge bgose, ngo dushikirize Imana umuntu wese ahīngūriwe muri Kristo:


Epafura w’i wanyu, umugurano wa Kristo Yesu, arabatasha, yama abarwanira mu gusenga kwiwe kugira ngo mushikame, mutunganye rwose, mumenya neza mudakekeranya ivy’ Imana igomba vyose.


Dusenga cane ijoro n’umurango kugira ngo twibonanire namwe imbonankubone, tunonosore ivyasigaye ku kwizera kwanyu.


kugira ng’ umuntu w’Imana abe ūshitse, afise ibimukwiye vyose, ngw akore igikorwa ciza cose.


n’ishengero ry’abana b’imfura banditswe mw ijuru, mwegereye n’Imana umucamanza wa bose, n’impwemu z’abagororotsi batunganijwe rwose,


ibe ari yo ibatunganya rwose mu ciza cose, kugira ngo mukore ivy’ igomba, ikorera muri twebge ibishimwa mu nyonga zayo, kubga Yesu Kristo: icubahiro kibe icayo ibihe bitazoshira. Amen.


Nuko rero turēngāne ivya mbere vya Kristo, twīgire imbere, dushike ku vyo gutunganywa rwose, twoye gusubira gushirah’ itanguriro ryo kwihana ibikorwa vy’impfagusa, no kwizera Imana,


Kand’ Imana igira ubuntu bgose, yabahamagariye ubgiza bgayo budashira muri muri Kristo, ni mwaheza kubabazwa akanya gato, izobahīngūra rwose ubgayo, izobaremesha, ibahe inkomezi.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ