Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




2 Korinto 11:9 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

9 kand’ aho nari kumwe namwe ngakena, sinagize uwo ngōra: kuko bene Data bavuye i Makedoniya bāmmaze ubukene. Muri vyose nirinda kubagora, kandi nzoshishikara kuvyirinda.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

9 Kandi igihe nari kumwe namwe ngakena, nta we nigeze ndemera, kuko bene Data baje bava i Makedoniya bamfashishije ivyo nari nkeneye vyose. Namye nirinda kuremera umuntu n’umwe mu kintu na kimwe, kandi nzokwama ukwo.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




2 Korinto 11:9
16 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Arikw abanyitangiye imbere mu gutwarira umwami, bāraruhije abantu, kuko bāgenda babatoza ivyo kurya na vino, hamwe na shekeli z’ifeza mirongwine; mbere n’abasavyi babo bagatwaza abantu amanyama. Ariko jewe sinigeze ngenza ntyo, kuko nubaha Imana.


Kandi kuko bāri bahūje ubuhinga, abana na bo, barabungirana, kuk’ ubuhinga bgabo bgar’ ubgo kujisha amahema.


Maze Sila na Timoteyo bamanutse, bavuye i Makedoniya, Paulo agōbērwa n’ijambo ry’Imana, ashingira intahe Abayuda yuko Yesu ari we Kristo.


Nta co nifuje, ar’ ifeza ar’ izahabu ar’ ivyambarwa vy’umuntu n’umwe.


Kukw ab’i Makedoniya no muri Akaya bahimbawe no gusorōranya ivyo gutabara aboro bo mu bera b’i Yerusalemu.


Birannezereye ko Stefana na Forutunato na Akayiko baje; bāmmaze inkumbu nari mbafitiye,


Ariko twishimagiza muri vyose nk’abakozi b’Imana, twihangana cane mu marushwa, mu mibabaro, mu vyago,


Kukw igikorwa c’ukwo kugabura kitamara ubgoro bg’abera gusa, ariko kandi kirushiriza gushimisha Imana muri benshi.


Kandi mbonye yukw ar’ igikwiye kubatumako Epafurodito, mwene Data dufatanije igikorwa n’intambara, ari we ntumwa yanyu inkorera ivyo nkennye;


Kandi ntitwarondera icubahiro co ku bantu, ari kuri mwebge canke ku bandi: naho tuba twarashoboye kubaremēra, kuko tur’ intumwa za Kristo.


Bene Data, muribuka ubutame bgacu n’ubucumukure; twābabgira ubutumwa bgiza bg’Imana twikenurira umurango n’ijoro, kugira ngo ntihagire uwo muri mwebge turemēra.


bicishijwe amabuye, bākerewemwo kubiri, bārageragejwe, bicishijwe inkota, bāyerera bambaye insāto z’intama n’iz’ impene, bāri baburaniwe, bababazwa, bagirirwa nabi,


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ