Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




2 Korinto 11:3 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

3 Ariko ndiyubara yuko, nk’uko ya nzoka yahendesheje Eva ukwiyorobeka kwayo, kumbure ivyiyumviro vyanyu vyokwoshwa, mugaca mureka ukugororoka n’ukwera mu vya Kristo.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

3 Ariko ndatinya ko nk’uko Eva yahenzwe n’ubugunge bw’inzoka, namwe Satani ashobora kuzimiza ubwenge bwanyu mukava mu kwiha Kristo gutunganye kwanyu.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




2 Korinto 11:3
47 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Inzoka yarusha ubugunge ibikōko vyose vyo mw ishamba Uhoraho Imana yaremye. Ibaza uwo mugore, iti Mbega n’ivy’ ukuri koko yukw Imana yavuze, ngo Ntimurye ku giti na kimwe co mur’ iri tongo?


Uhoraho Imana abaza uwo mugore, at’ Ico wakoze ico n’igiki? Uwo mugore aramwishura, at’ Inzoka yampenze, ndabirya.


Uwo muntu yita umugore wiwe Eva, kukw ari we nyina w’abari n’ubugingo bose.


Iyo nzoka yishura uwo mugore, iti Haba n’intete ntimuzopfa;


Ubushangashirwe buramfashe, Mbutewe n’abanyakibi bareka ivyagezwe vyawe.


Kuko hazokwaduka abīgira Kristo n’abīgira abavugishwa n’Imana, bagakora ibimenyetso bihambaye n’ibitangaza, kugira ngo bazimize n’abātoranijwe ni vyashoboka.


Mwebge mur’ aba so wa Murwanizi, kand’ ivyo so yifuza ni vyo mushaka gukora. Uwo yahereye ubga mbere na mbere ar’umwicanyi, kandi ntiyahagaze mu kuri, kukw ata kuri kuri muri we. Iy’ avuga ibinyoma, avuga ivyiwe, kukw ar’ umunyabinyoma, kand’ ari we se wavyo.


cank’ ūhanūra ashishikarire guhanūra; ūgira ubuntu, abugire ata kinubge; ūganza aganzanye umwete; ūgira imbabazi, azigire anezerewe.


Kuk’ ukwirata kwacu ar’ uku, kand’ ijwi ryo mu mitima yacu rirabishingira intahe: ingeso twagirira mw isi, kandi cane‐cane muri mwebge, zar’ ukwera, n’imitima itagira ubugunge iva ku Mana, atari mu bgenge bg’abantu, ariko mu buntu bg’Imana.


Murihangana, iy’ umuntu abagize abaja, iy’ abariye, iy’ abafashe, iyo yishize hejuru, iy’ abakubise urushi.


Ni nde adakomera, nanje simbe ūdakomeye? Ni nde agira ikimugwisha, nanje isoni ntizinyice?


Kuko tutari nka bamwe benshi, bacurūrīsha ijambo ry’Imana, ariko tuvuga nk’abatagira ubugunge, bavuga ibiva ku Mana, ni ko tuvuga muri Kristo, imbere y’Imana.


Twanse ibiteye isoni bikorerwa mu mpisho, ntitugenda mu bugunge, ntidufudika ijambo ry’Imana, ariko kwerekana ukuri ni kwo twishimagirisha mu nyonga z’Imana ku mutima w’umuntu wese.


Ndatangaye yuko muriko murareka vuba murtyo Iyabahamagaye kubg’ ubuntu bga Kristo, mukemera ubutumwa bunyuranye n’ubgo,


kand’ ari co coshimishije abīgira bene Data bānyegetejwe mw ishengero, binjiye mu mpisho ngo batate ukwidegemvya kwacu dufise muri Kristo Yesu, kugira ngo badushire mu buja.


Yemwe Bagalatiya b’ibijuju, ni nde yabaroze, kand’ ari mwebge mweretswe Yesu Kristo abambge, mu maso yanyu?


Munteye akōba, yuko kumbure ivyo nabakoreye natamijwe n’ubusa.


kugira ngo dushire ubgana, ntituzungazungishwe n’imipfunda, ngo tujanwe irya n’ino n’imiyaga yose y’inyigisho n’amangetengete y’abantu, n’ubugunge bgabo, n’uburyo bginshi bgo kutuzimiza.


kubabgira ku vy’ingeso zanyu za kera ngo mwiyambure wa muntu wa kera, abozwa n’ukwifuza kw’uruhendo;


Ubuntu bg’Imana bubane n’abakunda Umwami wacu Yesu Kristo bose ata bupfunya.


Ntihakagire umuntu abagunga impēra yanyu, nk’uko yigombera ubgiwe, ayibagungishije kwicisha bugufi no gusenga abamarayika, aguma mu vyo yabonye gusa, atewe kwihimbariza ubusa n’ubgenge bg’akameremere kiwe,


Mvuze ivyo kugira ngo ntihagire ūbahendagirisha amagambo y’inyosha.


Mwirinde, ntihakagire ūbagira inyagano, abanyagishije ubgenge bg’abantu ar’ ibihendo vy’ubusa, bikurikira akaronda k’imigenzo y’abantu, bikurikira ivya mbere vyo mw isi, bidakurikira Kristo.


Nanje ni co catumye ntuma iyo, bitakinkundiye kwihangana, kugira ngo mmenye ukwizera kwanyu, nikenga ko wa musukanyi yoba yarabasutse, natwe tukaba twaratamijwe n’ubusa.


Nuko guma muri Efeso, nk’uko nakugīriye inama hamwe naja i Makedoniya, kugira ng’ uteshe ba bandi ntibigishe ibiciye ukundi,


Kandi Adamu si we yahenzwe, arik’ umugore ni we yahenzwe, agwa mu bicumuro.


Arikw abantu babi, bo n’abahūmbūzi, bazorushiriza kuba babi, bazimiza bakazimizwa.


Kuko hariho benshi b’ibiganda, cane‐cane n’abo mu bākebge, bavuga ibitagira ikimazi, n’inyosha mbi,


Ntimutwarwe n’inyigisho z’uburyo bginshi zādutse; kukw iciza ar’ uk’ umutima ushikamizwa n’ubuntu bg’Imana, ntushikamizwe n’ivyo kurya, kukw abishize muri vyo bitābagiriye ikimazi.


None mweho, abo nkunda, kuko musanzwe muzi ivyo, mwirinde ngo ntimutwarwe n’ubuzimire bg’abatirinda, mugata ugushikama kwanyu.


irya mbere mukwiye kumenya n’uko mu misi y’iherezo hazoza abacokoranyi bacokorana, bakurikira ukwifuza kwabo,


Bana bato, ubu n’igihe c’iherezo: kandi nk’uko mwumvise yuko Antikristo azoza, n’ubu hamaze guseruka ba Antikristo benshi: ni co gitumye tumenya kw ar’ igihe c’iherezo.


Abo nkunda, ntimwemere impwemu zose, ariko mugerageze impwemu ko zavuye ku Mana: kukw abigira abavugishwa n’Imana benshi bādutse mw isi.


Kuko hariho bamwe bābājemwo binyegeteza, bandikiwe kera gucirwakw iryo teka, batubaha Imana, bahindura ubuntu bg’Imana yacu isoni nke, bakīhakana Yesu Kristo, ni we wenyene Databuja n’Umwami wacu.


Ico kiyoka gisendanisha amazi nk’uruzi avuye mu kanwa kaco inyuma y’uwo mugore kugira ngo kimutwaze uruzi.


Ca gisato c’amahēro kirakororwa, ni co ya nzoka ya mbere, yitwa Murwanizi, irindi ni Satani, ni co kizimiza abari kw isi bose, gikororerwa kw isi, abamarayika baco bakororanwa na co.


Afata ca gisato, ni co ya nzoka ya mbere, ni yo Murwanizi irindi ni Satani, akiboha ngo kimare imyaka igihumbi,


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ