Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




2 Korinto 11:2 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

2 Mbafuhira ifuhe ryo kubg’ Imana, kuko nabahaye umugabo umwe, ni we Kristo, ngo ndabamushingire mumeze nk’inkumi itunganye.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

2 Mfise ipfuhe ryinshi mu Mana ku bwanyu. Nabemereye ko muzogira ubukwe n’umugabo umwe gusa, ari we Yesu Kristo, kugira ngo nzobashikane imbere yiwe muri inkumi zitagira agatosi.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




2 Korinto 11:2
19 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Kuko jewe Umuremyi wawe ari jewe mugabo wawe; Uhoraho Nyen’ ingabo ni ryo zina ryanje; Uwera w’Abisirayeli ni jewe Mucunguzi wawe; nzokwitwa Imana y’isi yose.


Kandi ntibaze bacūre abapfakazi, canke ngo bābīre uwirukanywe: ariko baze basabe inkumi zo mu ruvyaro rw’inzu ya Isirayeli, canke se baze bacūre umupfakazi yapfakaye mu baherezi.


Ūhawe umugeni ni we mukwe, arik’ umugenzi w’uno mukwe amuhagaraye i ruhande amwumva, anezerwa cane n’ijwi ry’umukwe; nukw ako kanyamuneza kanje karashitse.


None rero namwe, bene Data, gukoranywa n’umubiri wa Kristo kwatumye mucika abapfuye ku vyagezwe, kugira ngo mwābīrwe n’uwundi, ni we yazutse mu bapfuye, twamire Imana imbuto.


Kuko naho mufise muri Kristo ababarera ibihumbi cumi, ntimufise ba so benshi, kukw ari jewe nabavyaje ubutumwa bgiza muri Kristo Yesu.


Kuko tuzi yukw iyazuye Umwami Yesu, natwe izotuzurana na Yesu, kand’ izomudushīra, twe namwe.


Munteye akōba, yuko kumbure ivyo nabakoreye natamijwe n’ubusa.


Imana ni yo ntanzekw icabona c’ingene mbagirira igishika mwese, mfise imbabazi za Kristo Yesu.


Natwe ni we twamamaza, duhanūra umuntu wese, twigishisha umuntu wese ubgenge bgose, ngo dushikirize Imana umuntu wese ahīngūriwe muri Kristo:


nk’uko muzi ingene twari tumeze ku muntu wese muri mwebge, nk’uko se amera ku bana biwe, tubahanūra, tubaremesha, dushinga intahe,


Abo ni bo batandujwe n’icitwa umugore, kuko bābaye nk’inkumi. Abo ni bo bakurikira wa Mwagazi ah’ aja hose. Abo bācunguwe mu bantu, kugira ngo babe umushuzo ku Mana no kuri wa Mwagazi.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ