Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




2 Korinto 10:4 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

4 kukw ibirwanishwa vy’intambara yacu atar’ ivyo mu buryo bg’umubiri, arikw imbere y’Imana bifise ubushobozi bgo gushingūra akarimbi,

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

4 Ibigwanisho tugwanisha ntibimeze nk’ibigwanisho vy’iyi si. Ahubwo dufise ibigwanisho bifise ubushobozi buva ku Mana, bushobora gusambura ivyigize ibinani, no gusambura ivyiyumviro bibi.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




2 Korinto 10:4
28 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Uhoraho ar’ i Siyoni azoshingiriza kure inkoni y’ ububasha bgawe: Ganza hagati y’abansi bawe.


Ku gisozi cose gishizwe hejuru no ku musozi wose muremure hazoba amasōko n’imigezi y’amazi, ku musi wo gutōtōra abantu rwose, ah’ iminara izosidukira.


Rāba uyu musi ngushizeho kugira ubushobozi ku mahanga no ku bihugu vy’abami, bgo kurandura no gusangangura, guhonnya no gukomvomvora, bo n’ukwubaka no guteragira.


Mbeg’ ijambo ryanje si nk’umuriro? ni jewe Uhoraho mbibajije; canke si nk’inyundo imenagura igitandara?


Mose yigishwa ubgenge bgose bg’Abanyegiputa, agira ubushobozi mu majambo yiwe no mu bikorwa vyiwe.


Ijoro rirakuze, bugira buce. Nuko twiyambure ibikorwa vy’umwiza, twambare ibirwanishwa vy’umuco.


Kandi ntimugahe icaha imibiri yanyu ngw ikoreshwe n’ukugabitanya; ariko mwishikanire Imana nk’abazuke bavuye mu bapfuye, n’imibiri yanyu muyihe Imana kugira ngw ikoreshwe no kugororoka.


kugira ng’ukwizera kwanyu ntiguhagarare mu bgenge bg’abantu ariko guhagarare mu bushobozi bg’Imana.


Ni nde yigeze kwitunga, ar’ umusoda? Ni nde yotera uruzabibu ntarye inzabibu zarwo? Canke ni nde yoragira ubusho, ntabunywe?


Kuk’ ububasha bgacu Umwami wacu yaduhaye kugira ngo tububake, ntitubasambure, naho norushiriza kubgirata, sinzomāramāzwa;


Ni co gitumye mbandikira ivyo tutari kumwe, kugira ngo ni twaba kumwe noye kuzohambara, nk’uko nahawe ububasha n’Umwami wacu bgo kwubaka, ariko s’ubgo gusambura.


s’uko dushobora ubgacu kwiyumvira ikintu cose nk’ah’ ari twebge candurutseko, ariko dushobozwa n’Imana;


Ariko dufise ubgo butunzi mu nzavya z’ibumba, ng’ ubushobozi buhebuje bube ubg’ Imana, butavuye kuri twebge.


mw ijambo ry’ukuri, mu bushobozi bg’Imana, dufise ibirwanishwa vy’ukugororoka vyo mu kuryo n’ivyo mu kubamfu;


Ariko tweho, ko tur’ ab’ umurango, twirinde ibiboreza, twambaye icuma gikīngīra igikiriza c’ukwizera n’urukundo, kandi twambaye nk’inkofero ukwizigira agakiza.


Iri bgirizwa ndariguhaye, mwana wanje Timoteyo, nk’ukw abavugishwa n’Imana bākuvuzeko ubga mbere, ng’ ufashwe na vyo kurwana intambara nziza,


Ufatanye nanje kwihanganira imibabaro, nk’uko bikwiye umusoda mwiza wa Kristo Yesu.


Ukwizera ni kwo kwatumye inzitiro z’amabuye z’i Yeriko zisenyuka, bamaze kuzikikuza imisi ndwi.


Nuko za nzamba zivuze, abantu biha akāmo: mbere bacumva ijwi ryazo, baciye biha akāmo icarimwe, inzitiro zica zihomvokera hasi, abantu baca bararengagira, bītera mu gisagara, umuntu wese aho yar’ atumbereye, barakinesha.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ