Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




2 Korinto 1:4 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

4 itwirura mu marushwa yacu yose, kugira ngo natwe tubone uko twirura imibabaro abari mu marushwa yose, tuyibiruza uko natwe twiruwe n’Imana.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

4 we aduha ukwirurwa mu bihe vy’imibabaro kugira ngo natwe twiruze abandi ukwirurwa twahawe n’Imana.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




2 Korinto 1:4
24 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Nakwemereye icaha canje, sinatwikiriye ukugabitanya kwanje; Naravuze, nti Ndāturira Uhoraho ibicumuro vyanje: Nawe umparira ukugabitanya kw’icaha canje. Sela.


Ni wewe bgihisho bganje, uzondinda amagorwa, Uzonkikiza impundu z’uko ndokotse. Sela.


Yemwe abubaha Imana mwese, ni muze mwumve, Nanje mvuge ivyo yagiriye ubugingo bganje.


Unyereke ikimenyetso c’ivyiza, Kugira ngw abanyanka bakirābe bamāramāre; Kuko wewe Uhoraho, untabaye, ukammara umubabaro.


Kur’ uwo musi uzovuga, ut’ Uhoraho, ndagukengurukiye, kuko naho wandakiye, uburake bgawe burahwamye, nawe uramporahoje.


Ni muhūmurize abantu banje, ni mubahūmurize, ni kw Imana yanyu igize.


Ntibazokwicwa n’inzara canke n’inyota, kand’ indugumba ntizobahundagaza cank’ izuba: kuk’ uwabagiriye ikigongwe azobaja imbere, akabashikana no ku masōko y’amazi.


Ni jewe, ni jewe nyene mbahūmuriza; uri nde utinya umuntu, kand’ azopfa; n’umwana w’ umuntu, kand’ azohinduka nk’ivyatsi?


Kuko jewe Uhoraho namaze Siyoni umubabaro; namaze umubabaro imisaka yaho yose, kand’ ubugaragwa bgaho nabugize nka Edeni, n’ubgeranyange bgaho nabugize nk’itongo ryanje, jewe Uhoraho; hazobonekamw’ umunezero n’uguhimbarwa, bo n’ishimwe n’ijwi ry’inanga.


Ni muturike munezerwe, muririmbire hamwe, yemwe misaka y’i Yerusalemu: kuk’ Uhoraho aremesheje abantu biwe, acunguye Yerusalemu.


nanje nzosaba Data, na we azobaha uwundi Mwitsa, ngw az’ abane namwe ibihe bidashira,


Sinzobasiga nk’impfuvyi, nzoza kuri mwebge.


arik’ Umwitsa, ari we Mpwemu Yera, uwo Data azorungika mw izina ryanje, ni we azobigisha vyose, kand’ azobibutsa ivyo nababariye vyose.


Ni co catumye duhūmurizwa. Kandi mur’ ukwo guhūmurizwa turushiriza guterwa umunezero n’umunezero wa Tito, kuk’ umutima wiwe waruhuwe namwe mwese.


Mvuga ntababembeteranyako na mba, ndabirata cane. Nuzuye ihūmure, ndushiriza kunezerwa mu marushwa yacu yose.


Kand’ abenshi bo muri bene Data bari mu Mwami wacu, bāremeshejwe n’ingoyi zanje, barushiriza gutinyuka kuvuga ijambo ry’Imana bashize amanga.


Nuko muhanūrane, mukomezanye, nk’uko mubikora nyene.


Nuko mugorore amaboko acitse urudendevu, n’amavi aregarega:


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ