Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




2 Korinto 1:3 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

3 Imana y’Umwami wacu Yesu Kristo, ari yo Se, iragahezagirwa, Data wa twese w’imbabazi, kand’ Imana yirura imibabaro yose,

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

3 Nihashimwe Imana, Se w’Umwami wacu Yesu Kristo, Data w’impuhwe n’ukwirura kwose,

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




2 Korinto 1:3
26 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

kand’ Imana Isumba vyose iragahezagirwa, yagushize abansi mu maboko! Nuko Aburamu amuha ikigiracumi muri vyose.


Ni co catumye Dawidi ashimira Uhoraho imbere y’ikoraniro ryose, akavuga, at’ Ewe Uhoraho, Mana ya sogokuruza wacu Isirayeli, ur’ uwo guhimbazwa ibihe bitazoshira.


Nukw abo Balewi, Yosuwa na Kadimiyeli na Bani na Hashabuneya na Sherebiya na Hodiya na Shebaniya na Petahiya baca baravuga, bati Ni muve hasi muhimbaze Uhoraho Imana yanyu, nk’uko vyamye uhereye kera hose ugashitsa ibihe bitazoshira. Baraheza bahimbaza izina ryiwe ry’icubahiro, ari ryo rishizwe hejuru gusumba ah’ ugushima kwose n’uguhimbaza kwose bigarukira.


ati Navuye mu nda ya mama nambaye ubusa, kandi nzosubira mu nda y’isi ata co nambaye. Uhoraho ni we yagavye, kand’ Uhoraho ni we agaburuje: izina ry’Uhoraho ni rishemagizwe.


Uhoraho yamaho; Igitandara canje gihimbazwe; Imana y’agakiza kanje ishirwe hejuru:


Mana, urateye ubgoba ur’ ahēra hawe: Imana y’Abisirayeli ni yo iha abantu bayo inkomezi n’ ubushobozi. Imana ihimbazwe.


Izina ryayo ry’icubahiro rihimbazwe ibihe bidashira; Kand’ isi yose yuzure icubahiro cayo; Amen, kandi Amen.


Ariko wewe Mwami, ur’ Imana yuzuye imbabazi, ur’ inyabuntu, Uteba kuraka, ugira ikigongwe cinshi n’ukuri kwinshi.


Kuko wewe Mwami, uri mwiza, ugabirije guharira, Kandi wuzuye imbabazi ku bakwambaza bose.


Nk’uk’ umwana ahūmurizwa na nyina ni ko nzobahūmuriza; kandi muzohūmuririzwa i Yerusalemu.


Igihe cashinzwe kirangiye, jewe Nebukadineza nunamurira amaso yanje mw ijuru, akenge karagaruka, nca mpimbaza Īsumba vyose, kandi nshima Ībaho ibihe bitazoshira, ndayubaha; kukw ingoma yayo ar’ ingoma itazohangūra, kand’ ubgami bgayo buzohangama ukw ibihe bikūranwa.


Umwami Imana yacu ni we afise imbabazi no guharira ivyaha, naho twamugararije,


N’iyihe Mana ihwanye nawe, iharira ibigabitanyo, ikīrengagiza igicumuro c’amasigarira y’abo yīzīziye? Ntuhorana uburake imisi yose, kuk’ uhimbarwa no kugira imbabazi.


Yesu aramubgira, ati Ntunkoreko, kuko ntaradūga kwa Data; ariko genda kwa bene Data, ubabarire, ut’ Agira adūge kwa Se ari we So, uti Ku Mana yiwe ari yo Mana yanyu.


Imana y’Umwami Yesu, ni yo Se, ishimwa ibihe bidashira, irazi ko ntabesha.


Arikw Imana ihūmuriza abicisha bugufi yaduhūmurishije ukuza kwa Tito.


ngw Imana y’Umwami wacu Yesu Kristo, Data wa twese w’ubgiza, ibahe umutima w’ubgenge no guhishurirwa mu kuyimenya;


Imana y’Umwami wacu Yesu Kristo, ari yo Se, iragahezagirwa, yaduhezagiriye imihezagiro yose y’impwemu ahantu ho mw ijuru muri Kristo:


kand’ indimi zose zize zature yuko Yesu Kristo ar’ Uhoraho, ngo biheshe Imana Data wa twese icubahiro.


Dushima Imana Se w’Umwami wacu Yesu Kristo, twama tubasengera ubudasība,


Imana y’Umwami wacu Yesu Kristo, ari yo Se, iragahezagirwa, yatuvyaye ubga kabiri nk’ukw imbabazi zayo nyinshi ziri, kugira ngo tugire ivyizigiro bizima, ituvyaza ukuzuka mu bapfuye kwa Yesu Kristo,


Ndanezerewe cane, kuko nasanze bamwe mu bana bawe bagendera mu kuri, nk’uko twagezwe na Data wa twese.


Umuntu wese arārāta, ntagume mu vyo Kristo yigishije, ntafise Imana: ūguma mu vyo yigishije ni we afise Data wa twese n’Umwana.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ