Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




2 Korinto 1:1 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

1 Paulo, intumwa ya Kristo Yesu, nk’ukw Imana yagomvye, na Timoteyo mwene Data, turabandikiye abo mw ishengero ry’Imana ry’i Korinto, n’abera bose bari muri Akaya hose:

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

1 Jewe Pawulo, intumwa ya Kristo Yesu; yabihawe n’ugushaka kw’Imana, hamwe na mwene Data Timoteyo, Turabandikiye mwebwe ishengero ry’Imana ry’i Korinto, hamwe n’abera bose bo muri Akaya:

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




2 Korinto 1:1
31 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Nukw ashika i Derube n’i Lusitira; hāriy’ umwigishwa yitwa Timoteyo, umwana w’Umuyudakazi umugore yizeye, ariko se yar’ Umugiriki:


Kukw ab’i Makedoniya no muri Akaya bahimbawe no gusorōranya ivyo gutabara aboro bo mu bera b’i Yerusalemu.


Timoteyo, dukorana, arabaganūtsa, bo na Lukiyosi na Yasona na Sosipatiro, dusangiye umuryango.


Kandi muntahirize ishengero ryo mu nzu yabo. Muntahirize Epayineto, uwo nkunda, ni we yashurije abo muri Asiya bābaye aba Kristo.


Ntimubere Abayuda igitsitaza, cank’ Abagiriki, cank’ ishengero ry’Imana:


Timoteyo ni yaramuka aje i wanyu, muze mumubabare kugira ngw abane namwe ata bgoba; kukw akora igikorwa c’Umwami wacu nkanje.


Nuko ndabinginze, bene Data, murazi abo kwa Stefana, kw ari bo bāshuje mu Banyakaya, kandi kw ari bo bītangiye gukorera abera.


Urukundo rwanje rubane namwe mwese muri Kristo Yesu. Amen.


Kandi bamwe muri mwebge ni ko mwari muri: ariko mwaruhagiwe, ariko mwarejejwe, ariko mwatsindanishirijwe mw izina ry’Umwami Yesu Kristo no muri Mpwemu w’Imana yacu.


Umwana w’Imana Yesu Kristo, umwe twabigisha ivyiwe, twe na Siluwano na Timoteyo, ntiyar’ Ego, kandi ngw abe Oya; ariko muri we harimw’ Ego me.


Arikw Imana ni yo ntanzekw icabona ku bugingo bganje, icatumye ntongera kuza i Korinto, kwar’ ukwanka kubababaza.


Uk’ ukuri kwa Kristo kuri muri jewe, nta wuzombuza kwirata ntyo mu ntāra zo muri Akaya.


Kuko nzi umutima ukunze wanyu, ni wo nirata mu Banyamakedoniya yuko muwufise, mvuga yukw Abanyakaya bāri basanzwe biteguye, uhereye mu mwaka ushize, kandi gushishikara kwanyu kwateye abenshi umwete.


Paulo, intumwa itātumwe n’abantu, kandi nta muntu yabariwe kuntuma, ariko natumwe na Yesu Kristo, n’Imana Data wa twese yamuzuye mu bapfuye,


Mwese mur’ abana b’Imana kubgo kwizera Kristo Yesu:


Paulo, nagizwe intumwa ya Kristo Yesu n’ukw Imana yabigomvye, ndabandikiye abera bari muri Efeso, b’abizigirwa bo muri Kristo Yesu.


Paulo na Timoteyo, abagurano ba Kristo Yesu, turabandikiye abera bose bo muri Kristo Yesu b’i Filipi, hamwe n’abazezwashengero n’abakozi baryo.


Paulo na Siluwano na Timoteyo turabandikiye abo mw ishengero ry’i Tesalonike, bari mu Mana Data wa twese no mu Mwami Yesu Kristo: ubuntu bube muri mwebge n’amahoro.


dutuma Timoteyo, mwene Data, umukozi w’Imana agabura ubutumwa bgiza bga Kristo, ngw abakomeze abaremeshe ku vy’ ukwizera kwanyu,


Paulo na Siluwano na Timoteyo turabandikiye abo mw ishengero ry’i Tesalonike, bari mu Mana Data wa twese no mu Mwami Yesu Kristo:


Paulo, intumwa ya Kristo Yesu, nk’uko vyagezwe n’Imana Umukiza wacu na Kristo Yesu ivyizigiro vyacu,


Paulo, intumwa ya Kristo Yesu, nk’ukw Imana yagomvye, intumwa yo kuvuga isezerano ry’ubugingo bubonerwa muri Kristo Yesu,


Paulo, umugurano w’Imana, intumwa ya Yesu Kristo, mbihērewe kwizeza abo Imana yatoranije no kwigisha kumenya ivy’ ukuri gufatanije n’ukwubaha Imana;


Paulo, imbohe ya Kristo Yesu, na Timoteyo mwene Data, turakwandikiye Filemoni uwo dukunda, dusangiye igikorwa,


Mumenye yuko mwene Data Timoteyo yarekuwe: ni yaza vuba tuzobonana namwe.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ