Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Yohana 2:3 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

3 Iki ni co kitumenyesha ko tumuzi, ni twitondera ivyagezwe na we.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

3 Ikitwereka ko tuzi Kristo, ni uko dukurikiza amabwirizwa yiwe.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Yohana 2:3
26 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Nzogenda niruka mu nzira y’amabgirizwa yawe Ah’ uzokwagurira umutima wanje.


Aho nzoshirira umutima ku mabgirizwa yawe yose Ni ho ntazomāramāra.


Abonye ibiva mu bise vy’ubugingo bgiwe, bizomuhāza; umushumba wanje agororoka azotuma benshi baheshwa ukugororoka no kumumenya; kand’ azokwishirak’ ukugabitanya kwabo.


Kandi munyitira iki Mwami, Mwami; ntimukore ivyo mvuga?


Ni mwankunda, muzokwitondera ivyagezwe vyanje,


Ni mwitondera ivyagezwe vyanje, muzoguma mu rukundo rwanje, nk’uko nanje nitondeye ivyagezwe vya Data, nkaguma mu rukundo rwiwe.


Mur’ abakunzi banje, ni mwakora ivyo mbagera.


Ubu ni bgo bugingo budashira, ko bamenya wewe, Imana yonyene y’ukuri, n’uwo watumye, Yesu Kristo.


Imana, imwe yavuze ng’ Umuco wāke, uvuye mu mwiza, ni yo yākiye mu mitima yacu, kwerekana umuco, ni wo kumenya ubgiza bg’Imana buri mu nyonga ha Yesu Kristo.


kand’ amaze guhīngūrwa rwose, abera abamwumvira bose inyanduruko y’agakiza kadashira:


Ndabandikiye ba se, kuko mwamenye uwahereye ubga mbere na mbere. Ndabandikiye misore, kuko mwanesheje wa Mubi. Narabandikiye bana bato, kuko muzi Data wa twese.


Twebge turazi yuko twavuye mu rupfu, twashitse mu bugingo, kuko dukunda bene Data. Ūdakundana yama mu rupfu.


Ico ni co kizotumenyesha ko tur’ ab’ ukuri, kandi tuzoshitsa umutima mu nda imbere yayo,


Umuntu wese aguma muri we ntakora ivyaha; ūkora ivyaha wese ntiyamubonye kandi ntiyamumenye.


Iki ni co kitumenyesha yuko tuguma muri yo, na yo ikaguma muri twebge, n’uko yaduhaye kuri Mpwemu wayo.


Abo nkunda, dukundane: kuk’ urukundo ruva ku Mana. Umuntu wese akundana yavyawe n’Imana, kand’ azi Imana.


Turazi yuko tur’ ab’ Imana, kand’ isi yose iri muri wa Mubi.


Iki ni co kitumenyesha yuko dukunda abana b’Imana, ni twakunda Imana tugakora ivyagezwe vyayo.


Kuk’ ugukunda Imana ar’ uku, n’uko twitondera ivyagezwe vyayo: kand’ ivyagezwe vyayo ntibigora.


Ico gisato kigirira wa mugore inzigo, kirīgīra ngo kirwanye abo mu ruvyaro rwiwe basigaye, bitondera ivyagezwe n’Imana kandi bafise ibishingira Yesu intahe.


Aho ni ho ukwihangana kw’abera guserukira, bitondera ivyagezwe n’Imana n’ukwizera Yesu.


Hahirwa abamesura imvune zabo, kugira ngo babone kwēgēra ca giti c’ubugingo, kandi bace mu birimba bashike kuri wa murwa.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ