Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Yohana 1:3 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

3 ico twabonye tukacumva ni co tubabgira namwe, kugira ngo namwe mufatanye natwe. Kandi natwe dufatanije na Data wa twese n’Umwana wiwe Yesu Kristo.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

3 Ivyo tubabwira ni ivyo twabonye kandi twumvise, kugira ngo mufatanye natwe. Twebwe dufatanije na Data n’Umwana wiwe, Yesu Kristo.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Yohana 1:3
38 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Rāba, ijisho ryanje ryabonye ivyo vyose; Ugutwi kwanje kwaravyiyumviye, kurabitahura.


Ndavuga rya jambo rishinzwe: Uhoraho yarambgiye, at’ Ur’ Ubura bganje, Uyu musi ndakuvyaye.


Nzobarira bene Data izina ryawe, Nzogutazirira hagati y’ishengero.


Kandi nzoshira ikimenyetso muri bo, abarokotse muri bo nzobatuma mu mahanga, i Tarushishi n’i Puli n’i Ludi mu bafozi b’imiheto, n’i Tubali n’i Yavani, mu baba ku kiyaga kure, aho bataribgumve ko ndi rurangiranwa, ntibabone n’icubahiro canje; maze bazokwīgānira amahanga icubahiro canje.


Kandi ni wajana natwe, ivyiza Uhoraho azotugirira vyose, nawe tuzobikugirira kuno.


Sinkiri mw isi, ariko bo bari mw isi, nanje ndaje kuri wewe. Data wera, ubazigamire mw izina ryawe wampaye, ngo babe umwe nk’uko natwe turi.


kugira ngo bose babe umwe, nk’uko wewe, Data, uri muri jewe, nanje nkaba muri wewe, ngo na bo abe ari ko baba muri twebge, ngw isi yizere kw ari wewe wantumye.


Data ugororotse, isi ntiyakumenye, ariko jewe narakumenye, n’aba na bo bamenye kw ari wewe wantumye.


Ubu ni bgo bugingo budashira, ko bamenya wewe, Imana yonyene y’ukuri, n’uwo watumye, Yesu Kristo.


Uwabibonye ni we yabishingiye intahe kand’ intahe yiwe n’iy’ ukuri, kand’ arazi kw avuga ukuri, kugira ngo namwe mwizere.


Natwe turababgira ubutumwa bgiza bg’ivyasezeraniwe ba sogokuruza,


ngo Rāba mwa banyagakēngērwe, mutangare, muyongayonge, Kuko ngira nkore igikorwa mu gihe canyu, Igikorwa mutazoruha mwemera, nah’ umuntu yokibasobanurira.


Bashishikara cane mu vyo intumwa zigisha, no kugira ubumwe, no kumanyagura umutsima no gusenga.


kuko ntacishije i ruhande mbabgira ivy’ Imana yagabiye vyose.


kuko tweho tudashobora kureka kuvuga ivyo twabonye n’ivyo twumvise.


Vyarabahimbaye, kandi babafitiye umwenda: kuko namb’ abanyamahanga bāsangiye ivy’ impwemu vyabo, bafise umwenda wo kubafasha ku vy’umubiri.


Ni yo ibaha kuba muri Kristo Yesu, yaduhindukiye ubgenge buva ku Mana, n’ukugororoka n’ukwezwa n’ugucungurwa:


Imana n’iyo kwizerwa, yabahamagariye kugirirana ubumwe n’Umwana wayo Yesu Kristo Umwami wacu.


Bene Data, ndabamenyesha ubutumwa bgiza, ubgo nababariye, namwe mukabgākīra, kandi mukabuhagararamwo,


Ubuntu bg’Umwami wacu Yesu Kristo, n’urukundo rw’Imana, n’ubumwe buva kuri Mpwemu Yera, bibane namwe mwese.


yukw abanyamahanga basangiye natwe ibiragwa, basangiye natwe umubiri umwe, basangiye natwe ivyasezeranywe muri Kristo Yesu kubg’ ubutumwa bgiza.


Nanje birambereye kubiyumvirako ntyo mwese, kuko mbafise mu mutima, kuko mu ngoyi zanje, no mu gukiranira ubutumwa bgiza no kubucimbataza, mwese musangiye nanje ubuntu bg’Imana.


Nuko namba har’ ukuremeshwa muri Kristo, namba har’ ukwirurwa kuva mu rukundo, namba har’ ugusangira Mpwemu, namba har’ imbabazi n’ikigongwe,


ngo ndamumenye, mmenye n’ubushobozi bg’ukuzuka kwiwe, n’ugufatanya na we imibabaro yiwe, nshushanywe n’urupfu rwiwe,


yadukijije ububasha bg’umwiza, atwimurira mu bgami bg’Umwana wiwe akunda.


kandi ngo mwitege Umwana wayo kw ava mw ijuru, umwe yazura imukuye mu bapfuye, ni Yesu, adukiza uburake bugira buze.


Kand’ abafise ba shebuja bizera, boye kubagayishwa n’ukw ari bene Data, ariko barushirize kubakorera, kukw abagirirwa ico kimazi ar’ abizera n’abakundwa. Uze wigishe ivyo, ubibahanūre.


ati Nzobarira bene Data izina ryawe, Nzoririmba ngutazira hagati y’ishengero.


Nuko rero, bene Data bera, abasangiye ihamagarwa riva mw ijuru, ni mwitegereze Yesu, intumwa n’umuherezi mukuru w’ivyo twizeye tukavyatura,


Kuko twacitse abasangiye Kristo, namba tubangirije rwose ivyizigiro vyacu twatanguranye gushitsa kw iherezo:


Abashingantahe b’ishengero bo muri mwebge ndabahanūra, kuko nanje nd’ umushingantahe mugenzi wanyu, kandi nd’ icabona c’imibabaro Kristo yababajwe, kandi mfatanije namwe ubgiza buzohishurwa.


Kuko tutākurikiye imigani yaremwe n’akenge, hamwe twabamenyesha ubushobozi bg’Umwami wacu Yesu Kristo no kuzoza kwiwe; ariko n’uko twiboneye n’amaso yacu icubahiro ciwe gihambaye.


Icariho uhereye ubga mbere na mbere, ico twumvise, ico twabonye n’amaso yacu, ico twitegereje, intoke zacu zikagikorako, ivyo kuri Jambo w’ubugingo —


Ubu ni bgo butumwa twumvise bgavuye kuri we, tukabubabgira, yukw Imana ar’ umuco, kandi muri yo ko hatagira umwiza na mukeya.


Ariko tugendeye mu muco, nk’uko na yo iri mu muco, tuba dufatanije ubgacu, kand’ amaraso ya Yesu Umwana wayo atwoza icaha cose.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ