8 Uwo muntu yishura Sauli, at’ Ehe ndafise ikigirakane ca shekeli y’ifeza; ndagiha uwo muntu w’ Imana kugira ngw aturangire inzira.
Maz’ umwami abarira uwo muntu w’Imana, ati Ngwino tujane i wanje, ndakuzimane, nteko ndagutāsure.
Ujane amarobe cumi y’imitsima, n’ utundi dutsima dukaranze, n’ ikarabo ry’umutsama w’ubūki, uje i we; na we azokubarira ivy’ uyu mwana ivy’ ari vyo.
Na we aramwishura, at’ Erega mur’ iki gisagara harih’ umuntu w’Imana, kandi n’umunyacubahiro; ivyo avuga vyose bihora bishika; enda se tujeyo, kumbure yoturangira inzira tujana.