Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Samweli 9:5 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

5 Hanyuma bashitse mu ntāra y’i Sufi, Sauli abarira uno muntu bari kumwe, at’ Ingo dutahe, data ntahave ahagarikira umutima twebge kuruta indogoba.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Samweli 9:5
7 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ni co gitumye ndababarira, nti Ntimukaganyire amagara yanyu ku vyo muzorya canke ku vyo muzonywa, cank’ umubiri wanyu ku vyo muzokwambara. Mbeg’ amagara ntaruta ivyo kurya, cank’ umubiri nturuta ivyambarwa?


Ikibaganyisha impuzu n’iki? Ni murābe amashurwe yo ku misozi ingen’ akura, ntiyirirwa aratama, ntajisha impuzu;


Ntimukiganyire ivy’ ejo, kuk’ umusi w’ejo uzoba wiganyira ivyawo; umusi ukwiranye n’amagorwa yawo.


Kandi ni bābajana mu masinagogi bakabashīra abakuru n’abaganza, ntimuze muhagarikire imitima ico mwireguza n’ingene mwiregura, n’ico muvuga.


Abgira abigishwa biwe, ati Ni co gitumye ndababarira, nti Ntimukaganyire amagara yanyu ku vyo muzorya, cank’ umubiri wanyu ku vyo muzokwambara.


Hār’ umuntu w’i Ramatayimu‐sofimu, mu mugamba w’Abefurayimu, yitwa Elukana; yari mwene Yerohamu, Yerohamu wa Elihu, Elihu wa Tohu, Tohu wa Sufu, w’Umwefurayimu.


Uyu musi ni twamara gutandukana, uja gusanga abantu babiri hafi y’ imva ya Rakeli ku rubibe rw’Ababenyamini i Selusa; kandi barakubarira, bat’ Indogoba wari wagiye kurondera zarabonetse, bati Kandi so asigaye ahagarikiye umutima wewe kuruta izo ndogoba, avuga ngw ivy’ umwana wiwe yobigenza ate?


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ