Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Samweli 9:4 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

4 Nuko baca mu mugamba w’Abefurayimu no mu ntāra y’i Shalisha, ntibāzibona. Maze baca mu ntāra y’i Shalimu barazibura, baca no mu ntāra y’ Ababenyamini, na ho nyene ntibāzibona.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Samweli 9:4
9 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Nuko Yakobo avuye i Padan‐aramu ashika amahoro mu gisagara ca Shekemu, co mu gihugu c’i Kanani; ashinga amahema imbere y’igisagara.


Maze haza umuntu avuye i Bayali‐shalisha, agemuriye uwo muntu w’Imana udutsima mirongwibiri twa sayiri y’umushuzo, n’isaho yuzuye imishi igiheza kugenywa. Maze Elisa aravuga, ati Ni mubihe abantu, babirye.


Kandi Yohana na we yabatiriza ahitwa Ayinoni, hafi y’i Salimu, kukw aho har’ amazi menshi, abantu bāraza bakabatizwa,


n’i Shalabina n’i Ayaloni n’i Itula,


Na Eleyazari mwene Aroni arahwera; bamuhamba mu gisagara ca Finehasi umwana wiwe i Gibeya, aho yari yarahawe mu mugamba w’Abefurayimu.


Kandi hār’ umuntu wo mu mugamba w’Abefurayimu yitwa Mika.


Maz’ ico gihe, Abisirayeli bataragira umwami, hār’ Umulewi yari yaracīkiye mu mugamba w’Abefurayimu wo hirya, yari yābiriye umugore ava i Betelehemu h’i Buyuda.


Hār’ umuntu w’i Ramatayimu‐sofimu, mu mugamba w’Abefurayimu, yitwa Elukana; yari mwene Yerohamu, Yerohamu wa Elihu, Elihu wa Tohu, Tohu wa Sufu, w’Umwefurayimu.


Bukeye indogoba za Kishi se wiwe ziratakara. Kishi abarira Sauli umuhungu wiwe, ati Hitana umwe mu banyarugo, muje kurondera izo ndogoba.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ