4 Nuko baca mu mugamba w’Abefurayimu no mu ntāra y’i Shalisha, ntibāzibona. Maze baca mu ntāra y’i Shalimu barazibura, baca no mu ntāra y’ Ababenyamini, na ho nyene ntibāzibona.
Maz’ ico gihe, Abisirayeli bataragira umwami, hār’ Umulewi yari yaracīkiye mu mugamba w’Abefurayimu wo hirya, yari yābiriye umugore ava i Betelehemu h’i Buyuda.
Hār’ umuntu w’i Ramatayimu‐sofimu, mu mugamba w’Abefurayimu, yitwa Elukana; yari mwene Yerohamu, Yerohamu wa Elihu, Elihu wa Tohu, Tohu wa Sufu, w’Umwefurayimu.