Kandi yar’ afise abahungu mirongwitatu, bagendera ku ndogoba mirongwitatu nyene, kandi bari bafise ibisagara mirongwitatu vyitwa Havoti‐yayiri, kandi ni ko bicitwa na bugingo n’ubu; biri mu gihugu c’i Gileyadi.
Se wabo wa Sauli abaza Sauli na wa muntu wiwe, ati Mbega mwagiye hehe? Aramwishura, ati Twagiye kurondera za ndogoba; maze tubonye tuzibuze tuja kwa Samweli.
Kandi ku vya za ndogoba zawe, zimaze gatatu zizimiye, ntiziguhagarike umutima: zārabonetse. Mbeg’ ivy’ igikundiro vyose vyo mu Bisirayeli bibīkiwe nde? Si wewe nyene, n’inzu yose ya so?
Nuko baca mu mugamba w’Abefurayimu no mu ntāra y’i Shalisha, ntibāzibona. Maze baca mu ntāra y’i Shalimu barazibura, baca no mu ntāra y’ Ababenyamini, na ho nyene ntibāzibona.