Maze Samweli yābīra agakuza k’amavuta ya elayo, ayamusuka ku mutwe, aramugūmbīra, aravuga, ati Mbeg’ Uhoraho si we akwimitse ng’ ube ari wewe ugaba ishamvu yiwe?
Bukeye barazinduka; hakiri mu gaturuturu Samweli ahamagara Sauli iy’ ari hejuru ku nzu, ati Vyuka, ndaguherekeze. Nuko Sauli aravyuka, arengana irembo na Samweli.