26 Bukeye barazinduka; hakiri mu gaturuturu Samweli ahamagara Sauli iy’ ari hejuru ku nzu, ati Vyuka, ndaguherekeze. Nuko Sauli aravyuka, arengana irembo na Samweli.
Bavuye mu gisagara, batarashika kure, Yosefu abarira umubgiriza wiwe, ati Va hasi, ukurikire ba bagabo, maze ni wabashikīra, ubabaze, uti N’iki catumye mugirira nabi uwabagiriye neza?