Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Samweli 9:25 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

25 Bavuye aho ku mpinga y’umusozi, baramanuka bashika mu gisagara, Samweli aja kugānirira na Sauli hejuru ku nzu.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Samweli 9:25
9 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Maz’ umusi ur’ izina ku mugoroba, Dawidi amaze kwibambura ku kirwa, agendagenda hejuru ku ngoro yiwe; maz’ akiri hano hejuru, aja abona umugore arikw ariyuhagira, kandi yari mwiza ateye igomwe.


Nukw abantu bava hasi baragenda barondera amashami, bīcīra insāgo, hejuru ku nzu zabo, no mu ngo zabo, no mu ntangaro y’ingoro y’Imana, no ku kibuga co kw irembo ry’amazi no ku co kw irembo ry’Abefurayimu.


ingo z’i Yerusalemu n’ingoro z’abami b’i Buyuda zizoba ibihumane, zimere nk’aha hantu i Tofeti, mbere n’amazu yose būriyeko hejuru ngo bosereze imibavu inyenyeri zose, ari zo ngabo zo kw ijuru, bagasukira ibiturire izindi mana.


Ico mbabaririra mu mwiza muze mukivugire mu muco, kand’ ico mwongorewe mu gutwi muze mukivugire ku mazu hejuru.


ūzoba ari hejuru ku nzu ntaze yururutswe no gusahura ibiri mu nzu yiwe,


Babuze aho bocinjiriza kubg’ ishengero, būrira hejuru ku nzu, bagicisha mu mategura ayisakaye, bacururutsa mu nderuzo hagati y’abantu imbere ya Yesu.


Bukeye bg’aho, bakigenda, bari hafi gushika mu gisagara, Petero yūrira hejuru ku nzu gusenga, hāri nk’isaha zitandatu.


Ni hagira uwubaka inzu nsha muri mwebge, wewe uyubaka uz’ uyikīkūzekw igikugiro hejuru co gutangīra umuntu, ntakoroke, bigahava bizanira inzu yawe guharūrwakw amaraso y’uno akorotse.


Bukeye barazinduka; hakiri mu gaturuturu Samweli ahamagara Sauli iy’ ari hejuru ku nzu, ati Vyuka, ndaguherekeze. Nuko Sauli aravyuka, arengana irembo na Samweli.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ