Nukw abantu bava hasi baragenda barondera amashami, bīcīra insāgo, hejuru ku nzu zabo, no mu ngo zabo, no mu ntangaro y’ingoro y’Imana, no ku kibuga co kw irembo ry’amazi no ku co kw irembo ry’Abefurayimu.
Bukeye barazinduka; hakiri mu gaturuturu Samweli ahamagara Sauli iy’ ari hejuru ku nzu, ati Vyuka, ndaguherekeze. Nuko Sauli aravyuka, arengana irembo na Samweli.