Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Samweli 9:24 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

24 Nuk’ uwo musuku azana igikenye c’ukuguru n’inkenyūre zaco, agitereka imbere ya Sauli. Maze Samweli aravuga, at’ Ehe ngibi ivyo wateguriwe; shirak’ ufungure, kukw ari wewe wabiteguriwe gushitsa iki gihe cāshinzwe, kugira ng’ usangire n’ abandi bāhamagawe. Nuk’ uwo musi Sauli asangira na Samweli.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Samweli 9:24
6 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Uheze wābīre ibinure vy’iyo mpfizi y’intama, n’umurizo wayo uko wagahometsekw ibinure, n’ urubambanda rwōrōshe amara, n’agashami gatoya k’igitigu, n’ amafyigo yompi, n’ibinure bihometse kuri yo, n’igikenye c’ukuguru kwayo kw’i buryo, kukw ar’ impfizi y’intama yo kubinjiza mur’ iryo bango;


Kand’ uz’ urobanure ya nkoro ishikanishwa kuzunguzwa, na ca gikenye c’ukuguru kigerewe abaherezi, co kuzunguzwa nyene, gishinguwe kuri ya mpfizi y’intama yo kubinjiza mw ibango, ari vyo bigerewe Aroni n’abana biwe.


wegeranye inkekera z’inyama uzishiremwo, mber’ igikenye cose ciza‐ciza, ukuguru n’ ukuboko; uyuzuze n’amagufa meza‐meza,


Inyama zazo zize zibe umwanya wawe, nk’ukw inkoro yo kuzunguzwa bo n’igikenye c’ukuguru kw’i buryo ar’ umwanya wawe.


Maze Samweli abarira umusuku, ati Zana wa mutigiri nakubarira.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ