Nuk’ uwo musuku azana igikenye c’ukuguru n’inkenyūre zaco, agitereka imbere ya Sauli. Maze Samweli aravuga, at’ Ehe ngibi ivyo wateguriwe; shirak’ ufungure, kukw ari wewe wabiteguriwe gushitsa iki gihe cāshinzwe, kugira ng’ usangire n’ abandi bāhamagawe. Nuk’ uwo musi Sauli asangira na Samweli.