22 Maze Samweli ajana Sauli n’ umuntu wiwe, abinjiza mu nzu yo kuzimaniramwo, abaha ivyicaro vy’icubahiro mu bātowe, bāri nka mirongwitatu.
Bamuha ukwiwe, abo bandi ukwabo, n’Abanyegiputa bārīra hamwe na we ukwabo, kukw Abanyegiputa batāsangira n’Abaheburayo, kuko car’ umuziro ku Banyegiputa.
Ariko ni watorwa, ugende, wicare inyuma y’abandi bose, kugira ng’uwagutoye aje, akubgire, at’ Igira ino haruguru mugenzi; ni ho uzobona icubahiro imbere y’abo mwicaranye musangira bose.
Maze Sauli aramwishura, ati Mbega sind’ Umubenyamini, ari wo muryango mutoya hanyuma y’iyindi yo mu Bisirayeli? Kand’ inzu yacu si yo ntoya hanyuma y’ayandi mazu yose yo mu Babenyamini? None n’iki gitumye umbarira ben’ ivyo?
Maze Samweli abarira umusuku, ati Zana wa mutigiri nakubarira.