Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Samweli 9:2 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

2 Kandi yar’ afise umuhungu mwiza w’umusore yitwa Sauli. Nta n’umwe mu Bisirayeli yamurusha ubgiza, kandi yasumba abantu bose, bamugera ku bitugu gusa.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Samweli 9:2
10 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

abana b’Imana bitegereje abakobga b’abantu babona ari beza; barongora muri bo abo bitoranirije bose.


Kandi Neri avyara Kishi, Kishi avyara Sauli, Sauli avyara Yonatani na Malikishuwa na Abinadabu na Eshibayali.


Uku ni k’Uhoraho agize, at’ Umunyabgenge yoye kwirata ubgenge bgiwe, cank’ umunyenkomezi ngo yirate inkomezi ziwe, cank’ umutunzi ngo yirate ubutunzi bgiwe;


Kandi twabonyey’ ibigatanya, ari bo Bānaki, bakomōtse ku bigatanya nyene: ku ruhande rwacu twabonye ko tubamezeko nk’inzige, na bo kandi bakabona kw ari ko tumeze.


Ahamagaza umuryango w’Ababenyamini, inzu imwe‐imwe ukwayo, inzu ya ba Matiri irafatwa; araheza ahamagaza ab’ inzu ya ba Matiri, umuntu umwe‐umwe; hafatwa Sauli mwene Kishi; ariko bamurondeye baramubura.


Arik’ Uhoraho abarira Samweli, ati Nta co urāba ishusho yiwe, cank’ ikirēho ciwe, kuko ntāmushimye; erega jewe sindāba nk’ukw abantu barāba: kukw abantu barāba ku rukoba gusa, ariko jewe Uhoraho ndāba mu mutima.


Bukeye mu nsago z’Abafilisitiya havamw’ umuhizi yitwa Goliyati w’i Gati; uburebure bgiwe bgar’ amatambge atandatu y’ukuboko uciriye mu nkokora n’itambge rimwe ry’intoke.


Bukeye indogoba za Kishi se wiwe ziratakara. Kishi abarira Sauli umuhungu wiwe, ati Hitana umwe mu banyarugo, muje kurondera izo ndogoba.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ