18 Nuko Sauli yēgēra Samweli aho nyene mw irembo ry’igisagara, aramubarira, ati Ntabara undangire inzu ya kamenyi ah’ itumbereye.
Nuko Samweli agikubita ijisho Sauli, Uhoraho aramubarira, at’ Ehe nguyo wa muntu nakubarira! Uyo ni we azoganza abantu banje.
Samweli aramwishura, at’ Erega ni jewe nyene kamenyi; none hogi tuje ku mpinga y’umusozi, kuk’ uyu musi muribusangire nanje; maz’ ejo mu gitondo nzokurekura, ngusobanurire ibiri mu mutima wawe vyose.