Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Samweli 9:17 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

17 Nuko Samweli agikubita ijisho Sauli, Uhoraho aramubarira, at’ Ehe nguyo wa muntu nakubarira! Uyo ni we azoganza abantu banje.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Samweli 9:17
10 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Isabato itaratangura, hagitangura kutabona neza mu marembo y’i Yerusalemu, mvuga ko bugarira amarembo, ntibaze bayugurure isabato idashize. Ndaheza nshira bamwe bo mu bantu banje kurinda amarembo ngo ntihagire umutwaro n’umwe bayacishamwo ku musi w’isabato.


Maze ndabahambarira ndabavuma, mbere bamwe ndanabakubita, mbashikura umushatsi, ndaheza mbarahiza Imana, nti Ntimuze mutirimuke ngo musubire gushingira abakobga banyu abahungu babo, canke ngo musabire abahungu banyu abakobga babo, kandi namwe ntimukabābīrire.


Nuko Hanameli mwene wacu aza kuri jewe aho ndi mu rugo rw’ibohero, nk’ukw ijambo ry’Uhoraho ryavuze, arambarira, ati Ndakwinginze, gura ishamvu yanje iri Anatoti, ho mu ntāra ya Benyamini: kuko na kare yar’ iyawe, kandi ni wewe wo kuyicungura: non’ uyigurire. Ni ho naciye mmenya yukw iryo jambo ar’ iry’ Uhoraho.


Naguhaye umwami mfise umwikomo, maze ndamukunyaga ndatse.


Hanyuma bayisaba umwami, Imana ibaha Sauli mwene Kishi, umugabo wo mu muryango wa Benyamini, amara ku ngoma imyaka mirongwine.


Kuko mmaze kumubgira yuko ngiye guha inzu yiwe igihano kitazobavako, mbahōye ukugabitanya yirengagije, kukw abahungu biwe bihamagariye umuvumo, na we ntabateshe.


Nuko Sauli yēgēra Samweli aho nyene mw irembo ry’igisagara, aramubarira, ati Ntabara undangire inzu ya kamenyi ah’ itumbereye.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ