1 Samweli 9:16 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)16 at’ Ejo nka magingo aya nzokurungikira umuntu avuye mu gihugu c’Ababenyamini; uz’ umwimikishe amavuta, abe umwami w’abantu banje Abisirayeli. Ni we azokiza abantu banje, abakūre mu maboko y’Abafilisitiya; kuko nitegereje abantu banje, kand’ ugutaka kwabo kwanshitseko. အခန်းကိုကြည့်ပါ။ |
Nuko Hanameli mwene wacu aza kuri jewe aho ndi mu rugo rw’ibohero, nk’ukw ijambo ry’Uhoraho ryavuze, arambarira, ati Ndakwinginze, gura ishamvu yanje iri Anatoti, ho mu ntāra ya Benyamini: kuko na kare yar’ iyawe, kandi ni wewe wo kuyicungura: non’ uyigurire. Ni ho naciye mmenya yukw iryo jambo ar’ iry’ Uhoraho.