Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Samweli 9:16 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

16 at’ Ejo nka magingo aya nzokurungikira umuntu avuye mu gihugu c’Ababenyamini; uz’ umwimikishe amavuta, abe umwami w’abantu banje Abisirayeli. Ni we azokiza abantu banje, abakūre mu maboko y’Abafilisitiya; kuko nitegereje abantu banje, kand’ ugutaka kwabo kwanshitseko.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Samweli 9:16
17 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

none rero ni mubirāngūre; kuk’ Uhoraho yavuze ivya Dawidi, ng’ Umusavyi wiwe Dawidi ni we azokiza abantu biwe Abisirayeli, abakūre mu maboko y’Abafilisitiya no mu y’abansi babo bose.


riti Subira inyuma, ubarire Hezekiya segaba w’abantu banje, ut’ Uku ni k’Uhoraho, Imana ya sogokuruza Dawidi, agize: uti Ngo Yumvise ugusenga kwawe, abonye n’amosozi yawe; ut’ Eh’ azogukiza; uti Maze ku musi ugira gatatu uzodūga uje mu ngoro yiwe.


Zirikana wumve ugusenga kwanje Uhoraho we, Ugutakamba kwanje kugushikeko.


Yamara yashira umutima ku mubabaro wabo, Uko yumvise ugutakamba kwabo:


Witegereze umubabaro wanje n’umuruho, Umparire ivyaha vyanje vyose.


Umutima w’umuntu wigerera inzira yiwe, Arik’ Uhoraho ni we atumbereza ibirenge vyiwe.


Nuko Hanameli mwene wacu aza kuri jewe aho ndi mu rugo rw’ibohero, nk’ukw ijambo ry’Uhoraho ryavuze, arambarira, ati Ndakwinginze, gura ishamvu yanje iri Anatoti, ho mu ntāra ya Benyamini: kuko na kare yar’ iyawe, kandi ni wewe wo kuyicungura: non’ uyigurire. Ni ho naciye mmenya yukw iryo jambo ar’ iry’ Uhoraho.


Maze Samweli yābīra agakuza k’amavuta ya elayo, ayamusuka ku mutwe, aramugūmbīra, aravuga, ati Mbeg’ Uhoraho si we akwimitse ng’ ube ari wewe ugaba ishamvu yiwe?


Nuko Sauli n’abantu bari kumwe na we bose barakorana baja mu ntambara, basanga basubiranyemwo, bariko barazibagurana inkota, bacitse umuhongo rwose.


Uko ni k’Uhoraho yarokoye Abisirayeli uwo musi; kand’ urugamba rurinda rurenga i Beti‐aveni.


Maze Samweli abarira Sauli, ati Ni jewe Uhoraho yatumye kukwimikisha amavuta, ng’ ube umwami w’abantu biwe b’ Abisirayeli. None rero ni wumve amajambo y’Uhoraho.


Maz’ Uhoraho abaza Samweli, at’ Uzogeza hehe kuririra Sauli, kandi namaze kwanka kw aba umwami w’Abisirayeli? Uzuza ihembe ryawe amavuta, uheze uze ngutume kuri Isayi w’i Betelehemu, kuko nironkeye umwami mu bahungu biwe.


Uheze uhamagare Isayi aze kur’ ico kimazi; nanje nzokwereka uk’ uzogenza; uz’ undobanurize amavuta uwo nzokurangira.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ