Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Samweli 9:15 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

15 Kand’ umusi Sauli ashikayo, Uhoraho yari yarāye abihishuriye Samweli,

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Samweli 9:15
13 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

kuk’ umpishuriye, jewe umusavyi wawe, k’uzonyubakira inzu, ewe Uhoraho Nyen’ ingabo, Mana y’ Abisirayeli; ni co gitumye umusavyi wawe ntinyuka kugusenga ntya.


Ni ho izibūra amatwi y’abantu, Ikabatēza ubgoba ivyo ibabūrira,


Ibanga ry’Uhoraho rifiswe n’abamwubaha, Azobereka isezerano ryiwe.


Ereg’ Umwami Uhoraho ntazogira ico akora, atabanje kwibira akabanga abasavyi biwe avugisha.


Hanyuma bayisaba umwami, Imana ibaha Sauli mwene Kishi, umugabo wo mu muryango wa Benyamini, amara ku ngoma imyaka mirongwine.


Kuko mur’ iri joro umumarayika w’Imana, nd’ uwayo, kandi ni yo nkorera, yahagaze i ruhande yanje,


Maze Samweli abarira Sauli, ati Ni jewe Uhoraho yatumye kukwimikisha amavuta, ng’ ube umwami w’abantu biwe b’ Abisirayeli. None rero ni wumve amajambo y’Uhoraho.


Na we aramwishura, ati Biragahera, ntuzopfa! Erega data nta co akora atambariye, ari gito ari kinini; none har’ icotuma abimpisha? Ek’ ivyo si ko biri.


Nuk’ Uhoraho asubira kwiyerekanira i Shilo, kukw i Shilo nyene ari ho Uhoraho yihishuririra Samweli mw ijambo ryiwe. Kand’ ijambo rya Samweli rishika ku Bisirayeli bose.


Nuko baradūga ngo baje mu gisagara; bagishikayo baca bahūra na Samweli avayo ngw adūge ku mpinga y’umusozi.


Nuko Samweli agikubita ijisho Sauli, Uhoraho aramubarira, at’ Ehe nguyo wa muntu nakubarira! Uyo ni we azoganza abantu banje.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ