14 Nuko baradūga ngo baje mu gisagara; bagishikayo baca bahūra na Samweli avayo ngw adūge ku mpinga y’umusozi.
Ni mwashika mu gisagara muca mumubona ataradūga ku mpinga y’umusozi kurīrayo; kukw abantu badashobora kurya ataraza, kukw ari we ahezagira ibimazi, maz’ abātowe bakabona kurya. Nuko rero ni mudūge: muca mumubona aka kanya.
Kand’ umusi Sauli ashikayo, Uhoraho yari yarāye abihishuriye Samweli,