Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Samweli 9:13 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

13 Ni mwashika mu gisagara muca mumubona ataradūga ku mpinga y’umusozi kurīrayo; kukw abantu badashobora kurya ataraza, kukw ari we ahezagira ibimazi, maz’ abātowe bakabona kurya. Nuko rero ni mudūge: muca mumubona aka kanya.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Samweli 9:13
12 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Kand’ igihe Abusalomu yava i Yerusalemu, yajanye n’abantu amajana abiri yahamagaye, bagenda ata kindi biyumvira, ata co bazi.


Abgira abantu kwicara hasi ku vyatsi, yābīra ya mitsima itanu na za fi zibiri, ararangamiza, arāba mw ijuru, arabihezagira; amanyagura ya mitsima, ayiha abigishwa, abigishwa bagaburira ishengero.


Bariko bararya, Yesu yābīra umutsima, awuhezagiye arawumanyagura, awuha abigishwa, ati Ni mwābīre, murye, uyu n’umubiri wanje.


Yābīra ya mitsima itanu na za fi zibiri, ararangamiza, arāba mw ijuru, arabihezagira, amanyagura iyo mitsima, ayiha abigishwa ngo bayishire imbere y’abantu, n’ifi zompi na zo arazibagaburira bose.


Yicaye ngw asangire na bo, yābīra umutsima, arawuhezagira, arawumanyagura, arawubaha.


Yābīra ya mitsima itanu na za fi zibiri, ararangamiza, arāba mw ijuru, arabihezagira, arabimanyagura, abiha abigishwa ngo babishire imbere y’abantu.


Maze Yesu yābīra ya mitsima, arayihezagira, ayigaburira abicaye, n’ifi na zo nk’uko bagomba.


(mugabo hār’ amato ajabuka ava i Tiberiya, afata hafi ya ha hantu bārīriye imitsima ihezagiwe n’Umwami Yesu).


Ko ndya mbishimiye, n’iki gituma ntukirwa ivyo nshimiye?


Ico Imana yaremye cose ni ciza, ntiharimw’ ico gutabga, iyo cakiriwe n’ūshima:


Maze ngw Azokwihagurukiriza umuherezi w’umwizigirwa, umuntu azokora nk’ivyari mu mutima wiwe no mu vyiyumviro vyiwe; ngo Kand’ azomwubakira inzu izokwamaho; na we azogendanira uwo yimikishije amavuta ibihe vyose.


Nuko baradūga ngo baje mu gisagara; bagishikayo baca bahūra na Samweli avayo ngw adūge ku mpinga y’umusozi.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ