11 Bakidūga umusozi ngo bashike ku gisagara, bahūra n’abigeme bavuyeyo baja kuvoma; barababaza, bati Mbega kamenyi ni ho ari?
Abarira izo ngamiya zipfukama inyuma y’igisagara kw iriba, hāri ku mugoroba, mu gihe c’amavoma.
Nukw akirikw aravuga, Rebeka arasokoroka, afise umubindi ku rutugu; yari mwene Betuweli, uwo Miluka yavyaranye na Nahori umugabo wiwe, murumuna wa Aburahamu.
Baramwishura, bati Ntitubishobora, imikuku yose itarakorana; kukw ikoranye, ni ho batembagaza ikibuye, bakagikūra ku munwa w’ iriba, tukabona kuvomera intama, zigashōka.
Akivugana na bo, Rakeli arashika, azanye intama za se, kukw ari we yaziragira.
Kandi hār’ umuherezi w’i Midiyani yar’ afise abakobga ndwi: baraza, baravoma, buzuza ingomero, ngo bashore umukuku w’ intama wa se.
Ewe munyakibi, ntukabunde ku rugo rw’umugororotsi, Ntugasangangure umuhana wiwe;
Aho bavuga ibicuba ku ngomero z’inka, Abe ari ho batāzīrira Uhoraho kubg’ intsinzi yiwe, Kubg’ intsinzi yiwe arōngōye Abisirayeli. Aho ni ho abantu b’Uhoraho bāmanutse, bagatamaza mu marembo yabo.
Nuko Sauli abgira uwo muntu wiwe, ati Ni vyiza; ngwino tugende. Nuko baja ku gisagara ah’ uwo muntu w’Imana yaba.