10 Nuko Sauli abgira uwo muntu wiwe, ati Ni vyiza; ngwino tugende. Nuko baja ku gisagara ah’ uwo muntu w’Imana yaba.
Se wabo wa Sauli abaza Sauli na wa muntu wiwe, ati Mbega mwagiye hehe? Aramwishura, ati Twagiye kurondera za ndogoba; maze tubonye tuzibuze tuja kwa Samweli.
Bakidūga umusozi ngo bashike ku gisagara, bahūra n’abigeme bavuyeyo baja kuvoma; barababaza, bati Mbega kamenyi ni ho ari?
(Kera mu Bisirayeli, umuntu iyo yagira ic’ aja gusiguza Imana, yavuga, ati Hogi tuje kwa kamenyi; kuk’ uwitwa ūvugishwa n’Imana ubu, kera yitwa kamenyi.)