1 Hār’ umuntu w’Umubenyamini yitwa Kishi; yari mwene Abiyeli, Abiyeli wa Serori, Serori wa Bekorati, Bekorati wa Afiya w’ Umubenyamini; yar’ umuntu w’umutunzi.
Baruzilayi uwo yar’ umutāma ashaje cane, yar’ amaze imyaka mirongumunani, kandi ni we yagemuriye umwami aho yar’ i Mahanayimu, kuko yar’ umuntu w’umutunzi cane.
Ku murwa i Shushani hār’ Umuyuda yitwa Moridekayi mwene Yayiri, Yayiri wa Shimeyi, Shimeyi wa Kishi, Umubenyamini.
Itunga ryiwe ryar’ intama ibihumbi ndwi, n’ingamiya ibihumbi bitatu, n’inka igihumbi zirima, n’indogoba zivyara amajana atanu, n’abahinda mu rugo benshi cane; nuk’ uwo muntu yar’ ūhambaye gusumba abantu bose b’i burasirazuba.
Hanyuma bayisaba umwami, Imana ibaha Sauli mwene Kishi, umugabo wo mu muryango wa Benyamini, amara ku ngoma imyaka mirongwine.
Bagenda biruka, baramuzana; ahagaze mu bantu, abasumba bose uko bangana: bamugera ku bitugu gusa.
Kishi ni we yari se wa Sauli, kandi Neri se wa Abuneri yari mwene Abiyeli.
Hār’ umuntu w’i Mayoni, itunga ryiwe ryar’ i Karumeli; yar’ umutunzi cane, yar’ afise intama ibihumbi bitatu n’impene igihumbi; ico gihe yarikw arakemuriza ubgoya bg’intama ziwe i Karumeli.