8 Bakugiriye nk’uko bāngiriye muri vyose, uhereye umusi nabadūganye mbakūye muri Egiputa ukageza n’ubu; kuko bāntaye, bagasaba izindi mana.
Boye kuba nka ba sekuruza, Rwa runganwe rw’ibigāba kandi rw’abagarariji, Urunganwe rw’abatitunganiriza imitima, Imitima yabo itayoboka Imana.
barababarira, bat’ Uhoraho iy’ apfuma atwicira mu gihugu ca Egiputa, tucīteretse inkono z’inyama, tukirya ivyo kurya tugahāga; none mwadukūyeyo mutuzana mur’ ubu bugaragwa kugira ngw iri shengero ryose mutwicishe inzara.
Maz’ abantu batonganya Mose, bati Duhe amazi, tunywe. Mose arababaza, ati Muntonganiriza iki? N’iki kibateye kugerageza Uhoraho?
Abantu babonye Mose atevye kur’ uwo musozi, atamanutse, bakoranira kuri Aroni, baramubarira, bat’ Enda, n’uturonkere imana zo kutuja imbere; kuk’ umwe Mose yadukūye mu gihugu ca Egiputa, tutazi ico yabaye.
nt’ Ukw imyaka ndwi igiye gushira, umuntu wese az’ arekure mugenzi we w’Umuheburayo, uwo yaguze akamukorera imyaka ndwi, amurekure amuveko, abe uwidegemvya: yamara ba sogokuruza ntibānyumvira, canke ngo bantege ugutwi.
Arambarira, ati Mwana w’umuntu, ngutumye ku Bisirayeli, kw ihanga ry’abagarariji bāngararije. Bāncumuyeko, bo na ba sekuruza, gushitsa no kur’ uyu musi nyene.
Bukeye bgaho, ishengero ryose ry’Abisirayeli ryidodombera Mose na Aroni, riti Ni mwebge mwishe abantu b’Uhoraho.
Mbere mwagiye mugarariza Uhoraho, uhereye ku musi natanguriyeko kubamenya.
Maz’ Abisirayeli bongera gukora ivyo Uhoraho abona kw ari bibi; Uhoraho abatanga mu maboko y’Abafilisitiya kumara imyaka mirongwine.
Maz’ uburake bg’Uhoraho buziriringira Abisirayeli, akavuga, at’ Iri hanga ko ryishe isezerano ryanje nasezeranye na ba sekuruza, ntibanyumvire,
Ehudi amaze gupfa, Abisirayeli bongera gukora ivyo Uhoraho abona kw ari bibi.
Abisirayeli bakora ivyo Uhoraho abona kw ari bibi; maz’ Uhoraho abagabura mu maboko y’Abamidiyani kumara imyaka ndwi.
Uhoraho abarira Samweli, ati Ni wemerere abo bantu ico bakwātse cose, kukw atari wewe banse, ariko ni jewe banse ngo simbe Umwami wabo.
None rero n’upfe kubemerera, arik’ ubihanikirize cane, ubamenyeshe ingeso z’umwami azobaganza uko zizobamerera.