Arambarira, ati Mwana w’umuntu, ngutumye ku Bisirayeli, kw ihanga ry’abagarariji bāngararije. Bāncumuyeko, bo na ba sekuruza, gushitsa no kur’ uyu musi nyene.
Imana iza kuri Balamu iryo joro, iramubarira, it’ Abo bantu asangwa baje kuguhamagara, pfa kuva hasi, ujane na bo; mugabo, ico nzokubarira cose, az’ abe ari co ukora gusa.
Maze mubona Nahashi umwami w’Abamoni abateye; kandi nah’ Uhoraho Imana yanyu ari we yar’ umwami wanyu, murambarira, muti Nta co biriko: mut’ Umwami ni we azotuganza.