Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




1 Samweli 8:7 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

7 Uhoraho abarira Samweli, ati Ni wemerere abo bantu ico bakwātse cose, kukw atari wewe banse, ariko ni jewe banse ngo simbe Umwami wabo.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




1 Samweli 8:7
22 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Mose arababgira, at’ Ivyo murabibona igihe Uhoraho aja kubaha inyama zo kurya kur’ uyu mugoroba, mu gitondo akazobaha umutsima, mukarya mugahāga; kuk’ Uhoraho yumvise imyidodombo yanyu mumwidodombera; natwe twar’ iki? erega si twebge mwidodombera, mwidodombera Uhoraho.


None nanje nzobatoraniriza amagorwa, mbatēze ibibatera ubgoba; kukw aho nahamagara ata witavye, aho navuga ntibumve, ariko bagakora ivyo mbona kw ari bibi, bagahitamw’ ivyo nanka.


nt’ Ukw imyaka ndwi igiye gushira, umuntu wese az’ arekure mugenzi we w’Umuheburayo, uwo yaguze akamukorera imyaka ndwi, amurekure amuveko, abe uwidegemvya: yamara ba sogokuruza ntibānyumvira, canke ngo bantege ugutwi.


Arambarira, ati Mwana w’umuntu, ngutumye ku Bisirayeli, kw ihanga ry’abagarariji bāngararije. Bāncumuyeko, bo na ba sekuruza, gushitsa no kur’ uyu musi nyene.


Arikw inzu ya Isirayeli ntizokwumvira, kuko nanje banse kunyumvira: kukw ab’ inzu ya Isirayeli bose mu ruhanga rwabo ar’abanyakadāda, bikomantaje imitima.


Imana iza kuri Balamu iryo joro, iramubarira, it’ Abo bantu asangwa baje kuguhamagara, pfa kuva hasi, ujane na bo; mugabo, ico nzokubarira cose, az’ abe ari co ukora gusa.


Ūbākiriye aba anyakiriye, kand’ ūnyakiriye aba yākiriye uwantumye.


Ūbumviye ni jewe aba yumviye; ūbanse, ni jewe aba yanse; ūnyanse, aba yanse uwantumye.


Arikw abantu biwe bāramwanka, bamukurikiza intumwa, bat’ Uyo ntitugomba kw atuganza.


Arikw abo bansi banje batākunze ko mbaganza ni mubazane hano, mubīcire imbere yanje.


N’ukuri, n’ukuri ndababgire: Umushumba ntaruta shebuja, kandi n’intumwa ntiruta uwayitumye.


Gideyoni arabishura, at’ Eka sinemeye kubaganza, n’umwana wanje ntazobaganza; arik’ Uhoraho ni we azobaganza.


arik’ uyu musi muranse Imana yanyu, kand’ ari yo nyene ubgayo ihora ibakiza mu vyago vyanyu vyose no mu magorwa; mwarayibgiye ngo n’ibahe umwami. Nuko rero, ni muze muhagarare imbere y’Uhoraho, umuryango wose uk’ uri, n’ inzu yose ukw iri.


Maze Samweli abarira Abisirayeli bose, at’ Ehe rāba, nabakoreye ivyo mwansavye vyose, mbimikiye umwami wo kubaganza.


Maze mubona Nahashi umwami w’Abamoni abateye; kandi nah’ Uhoraho Imana yanyu ari we yar’ umwami wanyu, murambarira, muti Nta co biriko: mut’ Umwami ni we azotuganza.


Uhoraho aramwishura, ati N’ubemerere, ubimikire umwami. Maze Samweli abarira Abisirayeli, ati Mwese ni mwītāhire mu bisagara vy’i wanyu.


Bakugiriye nk’uko bāngiriye muri vyose, uhereye umusi nabadūganye mbakūye muri Egiputa ukageza n’ubu; kuko bāntaye, bagasaba izindi mana.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ